
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KWITANGA
Ihanga ry’Imana ryose aho riri mu gihugu cacu c’Uburundi no kw’isi yose, ritumiriye umukristo wese n’abatizera bose kuzifatanya n’abatoranijwe bose mu masengesho yo kwitanga, kuba imbere y’Imana no kutitakambira ijoro n’umurango ata kurya atano kunywa kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza (4) umwaka wi 2020. (Vendredi umurango n’ijoro gushika Samedi mu gitondo) Intumbero ni (1) Ugusaba Imana imbabazi kubgo ivyaha vyakozwe no ukwiyeza, (2) Gusaba Imana ngo itabare igihugu kandi ishitse isezerano, (3) Gushima no gutazira Uhoraho Imana kubgo urukundo idukunda. Tuzokwisunga ZABURI 23:1-6 no 2 INGOMA 7:17.
Mwese aho muri hose murahawe kaze muri ico gikorwa co kwisengera, gusengera Abarundi bose no gusengera Uburundi.