Ni ukugendera ku kwizera, kumenya ubuhinga canke ukwiyahura ikivunga?!

Abitavye imyiyamamazo ya CNDDFDD
Abitavye imyiyamamazo ya CNL

Mu gihe isi yose iri muco bise confinement, aho abantu bose aho bari hose baguma mu mazu canke kumihana yabo mbere amasengero n’imisigiti bikugarwa, imipiri n’ibindi birori vyose bigahagarikwa; harafashwe ingingo z’abaja gukora ibintu vya nkenerwa nko gusuma, kugura imiti canke abakora iyo mirimo ihambaye, naho nyene abantu bakaguma bakaraba kandi bambaye udutambara ku munwa no ku mazuru two gukingira abandi no kwikingira.

Isi yose yafashe ingwara ya COVID-19 nk’ikiza kigeramiye isi yose bafata izo ngingo zo kwikingira. Abategetsi b’igihugu c’Uburundi bobo, iyi ngwangara ntibayifashe uko. Naho basavye abantu kwama bakaraba igihe cose vyagarukiye aho. Vyatumye bamwe bayifata nk’ingwara y’abafise urukoba rwera kuko yashegeshe cane mu bihugu vy’abazungu.

Hamaze kwandira kw’isi abarenga 3.237.600, hamaze gupfa abarenga 228.828 kuri uyu mwanya wo kuwa 1/5/2020.

Abarundi bayifashe minenengwe bagatunganya amatora basa n’abaroshe abo barongoye ku risongoye. Naho bidaca vyibonekeza mu minsi ya vuba, hariho abibaza yuko mu kwezi Abarundi bazobona ingaruka mbi zo gutunganya amatora mu bihe nkibi isi yose isaba abantu kuguma mu mihana iwabo kubera iyo ngwara ifise imigera yandukira abantu begeranye. Tubirindire turabe ibizokurikira ariko dusaba aba-Kristo kwama basengera uburinzi bgabo bakanirinda kwisuka mu bitabaraba.