
Aho iki gitabo casohoka muri Leta zunze ubumwe za Amerika imbere y’abashakashatsi b’amakaminuza menshi kandi ahambaye, imbere kandi y’abanyavyubahiro barongoge ibisata bitandukanye,twarakurikiye dusanga baratumiye uwuserukira Uburundi muri ONU aranka kw’itaba iyo nama ngo agire ijambo ashikirije. Yavuze yuko Umushikiranganji amurongoye yababujije kuja mu manama canke kwegera ibibanza bivugirwamwo ivy’ubgicanyi bgagahomerabunwa, ivy’ihonyabgoko n’ibindi. Mugabo tubikurikiranye twasanze yaba ari uyo aserukira igihugu yaba ari n’uyo mushikiranganji amutwara bose babuze abavyeyi babo bishwe mu mwaka wa 1972. Hari mbere n’umupfasoni wa kera yari akuze muri iyo myaka, amaze gusoma ico gitabo ukuri kukamwokera yaciye avuga ngo nta mu-Kristo yokwandika ibintu nkibi.




Aho ca kigo CVR kirindukiye kigatangura kuja gufurura vya binogo rusangi birenga ibihumbi bibiri bikwiragiye mu gihugu cose, bamwe bavuga ngo barabujijwe kwegera amanama y’abanyabgenge avugirwamwo ivyabaye I Burundi mu mwaka wa 1972, nibo ku mbguga zabo za tweeters bavuga yuko ba se babo batwawe bitavye inama kuwa 29/04/1972, ntibagaruka gushika uyu munsi. Ntibagera umutwe no guca bagirako bemeza yuko ryari ihonyabgoko. Bgoba ari uburiganya, kugira indimi zibiri canke kutagira ico bahagararira? Burya ivyabaye mu 1972 vyashegeshe beshi harimwo n’abo ubona bambaye amakaruvati uyu munsi bigatuma bagenda kandi bakavuga nk’abafashwe n’isereri. Bamwe nabo vyaba barorera bakaguma bagerageza kunyegeza yuko atahonyabgoko ryabaye gushika n’uyu munsi; ari nabo bavuga yuko kuvuga ukuri ari ukuzura akaboze, imbere y’ukuri bivugira yuko ibikogwa vya CVR atari ukuzura akaboze ahubgo ari ugucanishamwo Abarundi. Birataye isoni kubona abakoze ikibi n’abagimorewe bose bagerageza guhunga ukuri. Bitebe bitebuke Abarundi bose bazorinduka bamenyere kugendera mu muco w’ukuri, icera citwe icera icirabura citwe icirabura. Uwo niwo muco w’umu-Kristo.