

Inyuma yo kwizera, kubatizwa, no gusengerwa ukuzuzwa Mpwemu Yera, haba hageze yuko nawe uja ku kivi. Ibikorwa vy’Imana si ukuja kuvuga ubutumwa, kuririmba, n’ibindi bikorerwa mu rusengero gusa. Hariho ibindi bikorwa vy’Imana bihambaye nko kuja kwitaho abarwaye, abapfunzwe, abageze mu za bukuru, abashonje n’abandi bafise ibibazo bitandukanye. Mwese muhamagariwe kuja ku kivi mugaheba amajambo yo ku mbuga ngurukana bumenyi kuko ayo si ugukorera Imana.