Ibivugwa cane: Inama y’abungere ba kiliziya katolika basohoye icegeranyo kirimwo imvo zotuma amatora yo kuwa 20/05/2020 yogirwa impfabusa.

Mu gihe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yakeje Evariste Ndayishimiye yuko ariwe yatsinze amatora, abungere ba kiliziya katolika basohoye icegeranyo mfatakibanza cerekana yuko ayo matora yabayemwo amabi menshi n’ubusuma bgoyahindura impfabusa.
Umukuru w’ikigo CENI yashikirijwe yuko Evariste NDAYISHIMIYE yarishije abandi
Inyuma y’itangazwa y’ivyavuye mu matora nfatakibanza abo mu mugambge uvugwa yuko watsinze barigina bakanasotora
N’imbere yuko baja mu matora, abari mu mugambge CNDDFDD bari bazi yuko « atawitsindisha »
Inyuma yamatora haravugwa abanyuruzwa bakaburirwa irengero n’abafatwa n’inzego z’iperereza harimwo n’uko mukenyezi Claire Ndoricimpa.

Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana risaba abizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo, kutivanga muvyo imigambge, kwihana, kwiyeza no kwitunganya ; maze mu gusengera igihugu c’Uburundi bakagira bati: « Ubugombe bgawe Mana ni bube ».