Amakuru avugwa cane: Umugera Covid-19 irabica bigacika washitse no mu kirimba.

Umukozi rurangiranwa kuri Radio Télévision y’igihugu azwi kw’izina rya Emile Wenga Nahigejeje yasezeranye n’isi mw’ijoro ryakeye
Umwe mu babikira b’abataliyano bakorera ku mutoyi yarahitanywe n’umugera wa corona 19, haravugwa n’abandi bantu bapfa hirya no hino mu gihugu abandura ku bginshi n’abahitanwa n’uyo mugera, mugabo ntihagire igikorwa n’ubutegetsi bukabigira ibanga.
Umugera wa corona urabica bigacika mu gihugu c’Uburundi naho bagerageza kubigira ikinyegezwa, uyo mugera washitse no mu kirimba c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi aho umukenyezi wa Président yatwawe n’indege kuvurirwa mu gihugu ca Kenya
Denise Bucumi n’umwe mu bamucungera ubuzima baranduye covid-19 ubu bakaba bari kuvurirwa mu bitaro vyo mu gihugu ca Kenya.
Ejo hahise uwuhagarariye umugambge CNL Agathon Rwasa wari wahiganywe mu matora yaraye yitwaye muri sentare ijejwe ibgirizwa shingiro yerekana ingene amatora yibge yuko ariwe yari ya yatsinze
Naho ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ari infatakibanza kandi bikirimwo impari ntivyabujije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gutunganya amasengesho yogushima Imana ngo kubera uwo yashize imbere yatowe.

Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana nta mugambge canke ivyiyumviro vya politike ryegamiye . Ritanga amakuru avugwa cane kugira ngo abizera bamenye ibimenyetso vy’ibihe kandi rihamagarire abantu kwihana no kwiyeza kugira ngo baheze basengere uburinzi bgabo, ubgo imiryango yabo n’ubgo igihugu.