Inkuru ivugwa cane ni iyimikwa rya Général Major Evariste Ndayishimiye yabaye umukuru w’igihugu c’Uburunsi agira 8.

Kuri uyu wa 18/06/2020 mu ntara ya Gitega kuri stade “Ingoma” niho habereye ibirori vyo kurahiza Général Major Evariste Ndayishimiye ngo abe umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ivyo birori bikaba vyabaye mu gihe ikiziga ca Petero Nkurunziza yahora arongoye igihugu mu myaka 15 iheze kikiri mu buruhukiro kuko bataragira umuhango wo ku mufubana iteka.

Abantu batandukanye ntibabona kumwe ivyo birori kuko nk’umutambukanyi wa nyakwigendera Petero Nkurunziza nti yari kwitaba ibirori vy’umunezero asanzwe ari mu mubabaro, Umushingamateka Rwasa Aghaton nawe ngo ntiyavyitavye kuko ngo batamutumiye uretse nico bimitse uwutariwe. Abasenga nabo bakavugishwa baravuga yuko Uburundi butimirije ibihe vyiza kubera Uhoraho Imana yahagurutse kunyiganyiza ikintu cose kitatewe n’Imana.