
Ihanga Ryera ry’Imana ryatumiriye Ishengero rya Yesu Kristo ryose aho riri kw’isi n’aba-Kristo bose basenga mu kuri no mu Mpwemu gukora Amasengesho yo kwisonzesha y’umunsi umwe kugira ngo batuze mu gihugu no mw’Ishengero ibikorwa vy’amareba vya Satani.
Uyu munsi mu gihugu no mu mashengero haravugwa ibikogwa vya satani vyo kwica abantu akoresheje uburozi, ubupfumu, ukuraguza, uguterekera no gutanga ibimazi vy’amaraso y’abantu. Ivyo bikogwa bigakorwa n’abanyamigambge n’abari mu madini. Uburundi si ikirikimbiro ry’abasenga ibigirwamana kandi Uburundi si icibare c’abanyamareba. AbaKristo b’ukuri ejo aho bukera bazohaguruka baje imbere y’Imana Umuremyi w’isi n’ijuru gusambuza ivyubatswe vyose n’amareba kuko bidahesha Uhoraho Imana icubahiro.
Izina rya Yesu Kristo ritegerezwa kuganza kandi ntirivugwe mu buryarya canke mu kwishushanya kuko abavuga ngo “imana” ntumenya imana baba bavuze. Harabaho imana- mugambge, imana-giheko, imana-buye n’izindi mana. Uhoraho Imana yamaho yonyene niyo Imana se w’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo niyo Mana itegerezwa kurongora igihugu c’Uburundi.