
Ntimusamazwe n’ibiroro mubona ahubgo mushireumutima kuvyo Uhoraho Imana yahishuye kuko igihe kiraje co gushitswa kw’ISEZERANO.
– Imana irerekana ko igiye guhana abihaye ubu tegetsi mu gihugu no mw’ishengero kuko bitaye muvyo batagezwe. Twahawe [1samuel 13: 8-14] “Sauli yagiye gutanga ibimazi kandi atari umuherezi. Samuel amubwira ati ukoze « ivyubupfu ». N’uko bimeze.
– Kuba abantu bavuga ko bashize Imana imbere bakica, bakiba, bagasenga izindi mana, Uhiraho Imana iraje guhana no guhemba abayisenga mu kuri. Twahawe [Hoseya igice 1]
– Imana ishishikara kwerekana amazi y’umuwuzure kumwe ko kwa Nowa kandi bizoba mu gihugu cose. Izokingira abayo ibashire mu bgato bg’abagororotsi [Yeremiya 45] Ariko abisezerano bazozigamwa [12: 1-12]
– Imana igaragaza kandi kohagiye kuba ingaruka yamabi yose yivyago vyatewe n’ubutegetsi bubi bgo mu gihugu no mw’ishengero, kandi inzu yose n’abakomoka kuriyo bazohona kuko Imana yarirahiye [2 Abami10; 1- 14] na [Amosi 1:2 – 15]
– Imana yavuze yuko abantu benshi babona ko ari amahoro ngo hari n’iterambere ariko ngo ntamahoro nta n’iterambere Bihari , hari umuruho , amaganya n’amaborogo. Twahawe [2Abami 2:19-22].
Mpwemu w’Imana abatahuze gusumbakandi Umwami Yesu Kristo abazigame.