Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana mu gihugu ca Malawi

IHANGA RYERA RY’IMANA MU GUHUGU CA MALAWI
Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana riri mu gihugu cacu c’Uburundi, kw’isi yose no mu turere hirya no hino rikagenda riramamaza intsinzi y’Umwami n’Umukiza wacu YESU KRISTO. Yasize atubgiye ati: « GENDE, MUHINDURE AMAHANGA YOSE ABIGISHWA BANJE, ABIZERA MUBABATIZE ». Mayato 28:19. Ihanga Ryera ry’Imana ryaritavye ako kamo mu gihugu cacu no mu mahanga. Ryarashinze imizi no mu gihugu ca Malawi aho dufitiye ibicaniro n’amashengero. Bantu mwumviriza Radio Isezerano Internationale, muramaze kwumva umwungere MUHITIRA Fabrice ari mu bungere b’Ihanga Ryera ry’Imana muri Malawi. Ni muratire ijisho amwe mu mafoto yi BLANTYRE muri MALAWI. Mugenzi uri muri ico gisagara co kimwe n’ibindi bisagara bihegereye, nawe uri ahandi muri Malawi, eka n’abandi bari kure; nturenganwe n’ibihe vy’impemburo vya Mpwemu Yera, nturenganwe n’Umuvyuro n’Ikanguro; nturenganwe n’ibihe Ishengero rya YESU KRISTO- Ihanga Ryera ry’Imana ririko rirategura umugeni wa Yesu Kristo. Ufise ico ubaza canke urondera ubufasha utwandikire maze umukozi w’Imana ari hafi akwiteho. Uzohishurirwa amabanga y’Uhoraho Imana ku gihugu cacu c’Uburundi no kw’ishengero, uzokwerekwa ibihe isi irimwo n’ivyiza wateguriwe. Ibi ni ibihe vyo KWIZERA- KWIHANA- KUBATIZWA NO KWUZUZWA MPWEMU YERA. Umwami Yesu Yamamare, Amen!