
Aha kw’isi hariho amadini menshi. Amwe ashira imbere abantu bita imana zabo canke intumwa zabo maze nya mana zabo bakazita amazina atandukanye. Muri ayo madini menshi, harimwo n’ayandi madini yemera Yesu Kristo mugabo nayo nyene akaba afise ubutandukane bunini mu vyizerwa, iminsi yo gusengerako, kugendera ku vyagezwe n’ibindi…
Ikintu gitangaje cane n’uko bakoresha Bibiliya Yera imwe bakayisoma kumwe mugabo bakabisigura ugutandukanye. Ariko rero barakwiriye kuva i buzimu bakaja i buntu kuko Yesu Kristo n’umwe , ntahinduka kandi n’Ijambo ry’Imana ntirihinduka. Ni nde aharira yuko YESU KRISTO atari Uhoraho, Yehovah, Imana….ni asome uyu murongo kandi hariho n’iyindi myinshi. Ninde yoharira yuko mw’ijuru, mw’isi n’ikuzimu atayindi Mana Ihoraho yo gusengwa atari Yesu Kristo, umwana w’Imana, Umwami w’amahoro, Imana y’ubushobozi, Uhoraho….na some uyo murongo kandi hariho n’iyindi. Ni nde yo harira yuko atarindi ziza ribaho riza risumba izina rya Yesu Kristo twese tubabarirwamwo, kukirizwamwo kandi dushoborezwamwo kugororoka! Hariho abibaza yuko bashobora kwikiza urubanza rwo gupfa mu kwitondera ivyagezwe vyose, bakavuga n’utundi tujambo tw’abantu babuze ihishurirwa bakabura no gutahura ivyanditswe uko biri maze bakinyegeza mu vyiyumviro vy’amarangamutima yabo ngo ni ubgenge. Yesu Kristo we nyene niwe soko y’ubuzima bgacu. Yamyeho ariho kandi azokwamaho, Amen!