
INYIGISHO Z’IHANGA RYERA RY’IMANA: IMERO CANKE INYIFATO N’INGENDO ABATORANIJWE N’IMANA BAGAHABGA ISEZERANO BATEGEREZWA KUGIRA.
I. Gutanga umubiri wawe kw’ikimazi kizima, ukwemerera Mpwemu Yera ngo agufashe kugumya umubiri wawe [Abaroma 12:1]
II. Gusoma Ijambo ry’Imana uko bukeye uko bgije iminsi yose kugira ngo ushobore kumenya intumbero y’Imana ku bugingo gawe [Abaroma 12:2]
III. Kwama uciye bugufi imbere y’Uhoraho Imana utigera wishira hejuru ngo usumba abandi, ukamenya yuko ivyo uzi, ivyo utunze n’ivyo wakoze vyose biva k’Uhoraho [Abaroma 12:3]
IV. Kumenya no gutahura neza ingabire za Mpwemu Yera ufise kugira ngo uzikoresha mukwagura ubgami bg’Imana. [Abaroma 12:4-8]
V. Kwama werekana urukundo rw’Imana ku bantu bose [Abaroma 12:9]
VI. Kwama uri umurwaneza kandi urondera gucira bugufi abandi [Abaroma 12:10]
VII. Kudahesha mu gushira hejuru no gukorera umwami Yesu Kristo kuko nikwo gukorera Uhoraho Imana [Abaroma 12:11]
VIII. Kutadendebukirwa mu bihe bigoye ariko kuma wimenyereza ukwihangana mu gusenga. [Abaroma 12:12]
IX. Kwama ufasha abandi no kwitaho abakeneye gufashwa na cane cane abizera Yesu Kristo [Abaroma 12:13]
X. Kwihanganira kandi ugahezagira abansi bawe, kutabavuma ngo ubatuke [Abaroma 12:14]
XI. Kugirira umutima w’impuhwe n’imbabazi abandi atakubacira imanza, ukababarana n’ababaye kandi ukanezeranwana n’abanezerewe [Abaroma 12:15]
XII. Kutishira hejuru kandi ukagirira imbabazi n’ubuntu ku babikeneye maze ukabakorera ineza. [Abaroma 12:16]
XIII. Kwizera yuko mu muntu wese harimwo iciza naho ashobora kugira ibimugora [Abaroma 12:17]
XIV. Guhitamwo kugiranira amahoro n’abantu bose ntiwikumire mbere nabo mutabona ibintu kumwe mukabana neza. [Abaroma 12:18]
XV. Kutasubiriza mu ndumane ikibi ku kindi, igitutsi ku kindi; mugabo ukagendera mu rukundo kugira ngo Imana yonyene ibe umucamanza [Abaroma 12:19]
XVI. Kurondera akaryo keza ko guhezagira abansi bawe [Abaroma 12:20]
XVII. Kudakundira umwansi satani kugenzura intambuko zawe ngo yame akwikurikiza agutera ishavu, ukwikeka, ukwidodomba…[Abaroma 12:21]