
IMBURI KW’IGANGA RY’ABARUNDI/ ALPHONSE NIYONZIMA
Umwungere Aphonse NIYONZIMA asanzwe atuye mu gihugu ca Amerika asaba umuntu wese gusemerera ngo Abarundi aho bari hose mu gihugu no mu mahanga bihane. Asaba indongozi z’amashengero n’amadini, abari mu gihugu n’abari hanze, abarongora abandi n’abarongorwa kuva ku mukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiyegushika ku murundi wese; inzego zitandukanye zose abari mu butegetsi, abari mu gisirikare, mu gipolisi, mu butungane bose bumve kandi bumvire iyi mburi kuko atari uko barahona.
Ati Uhoraho yarashavuye kandi araratse kubgo Ihanga ry’Abarundi. Ati abarozi, abapfumu, ibisuma, abasambanyi, abicanyi n’abasenga ibigirwamana yuko iki arico gihe ca nyuma co kwihana kuko ibara rigira ribashikeko.
Aongera ati abibaza yuko avuze ubu buhanuzi kubera atuye mu mahanga canke yoba arwanya ubutegetsi barihenze kuko Imana imuhishurira ivyo igihugu kubera yuko akunda igihugu kandi yama ariko aragisengera akabgirwa ngo asemerere kuko igihe co kwihana kigeze. Abavugishwa baravugishijwe vyinshi ku Burundi ubu harageze yuko mwihana vuba kuko isezerano rigira rishike.
Abantu bafise ivyiyumviro vy’indengagihe ngo abahutu nibo bansi babo canke abatutsi nibo bansi babo; canke ngo abo mu mugambge uyu nibo bansi babo canke ngo ababamuri iki gihugu ni bansi ngo babihebe kuko ivyo Uhoraho agira akore mu gihugu c’Uburundi ari umugambi w’Imana gusa atahandi vyanditse.
Imana yarateguye integuro nziza iyihimbara ku gihugu c’Uburundi iaraheza iramwereka ibi bikurikira:
-Itariki 19/5/2020, Imana yaramubariye ivyo ingabo zamaze kwinjira mu gihugu c’Uburundi mu ntara zose, ama komine yose n’imitumba yose y’igihugu ku buryo ata muntu numwe ashobora kuzorwanira igihugu c’Uburundi. Ati si abasirikare canke iyo mirwi itera leta izokingira Uburundi.Kuko Uhoraho Imana yarabirangije.
-Itariki 17/06/2020, Imana yaramweretse ibizoba mu gihugu c’Uburundi n’abazokinjishwa. Yajanywe mu gihugu c’Uburundi abona abasirikare b’abagabo n’abagore bambaye imbuzu z’igisirikare bafise n’ibirwanisho vya rutura vy’uburyo bgose atari bgire abona. Izo ngabo zavuye mu bihogoro, mu masoko no mu myobo ku buryo buteye ubgoba. Yabonye ibitangaza bikomeye abo basirikare bari ahantu hose aca yibuka ivyabaye ku gihugu c’Uburundi mu myaka ya kera aca agira ubgoba bginshi.
Yahawe gusoma muri [Yeremiya 11: 1-11] Kw’ijambo ry’isezerano ryaje kuri Yeremiya. Agira ati iryo ni Isezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi kigereranya na Isirayeli ya kabiri. Yahawe n’ikimenyetso kwitunda rya [Aple canke pomme] ngo urisatuyemwo 2 rifise ishusho y’umutima kandi rikongera rikagira n’ishusho y’Uburundi; akongera akavuga yuko Imana yahinduye isezerano kubera abantu barihawe batayikoreye uko bibereye. Agira ati hari inama zikorwa mu gihugu n’izikorerwa mu barundi bari hanze kandi Imana irazikurikirana zose ikamenya imigambi mibi yose kandi yuko ijuru ryamaze kubitangaza. Abishe isezerano bose Imana yasezeranye igiye kubarandura kandi naho bazoyisenga ntizobumva.
Yongeye abona za ngabo zifise amaso yuzuye amaraso zirahaguruka nka RUBURAKIGONGWE.Yarajanywe yerekwa yuko abazokira iyo ntambara y’Imana ari abazoba bari ku karago bariko barasenga gusa. Izo ngabo zifise amaso yo kubona no kumenya inkozi zikibi n’abashizweko ikimenyetso co gukira. Yabonye imisozi yirabura, ibiti n’amabuye vyose vyahiye, vyaturiwe n’umuriro wa za ngabo. Yahawe [Yeremiya 10:20-22] abona igihugu c’Uburundi cabaye umusaka, aca yerekwa abo banyakarago basigaye ku birometero 2 n’ibice 2 yongera abona n’ikindi cete giteye ubgoba.
Yahavuye yerekwa ingene igihugu c’Uburundi kizokwubakwa. Abona igihugu cubazwe n’amabuye asa kandi asatuwe neza aca abgirwa yuko igihugu kizogenda kirahindagurika mukanya mukanya nkuko ijuru n’ibihe bihindagurika. Aca ahabga [Yesaya 10:1-4].
Arangiza ahamagarira abantu bose guhinduka, kwihana no guhagarika imigambi n’imigabo mibi bafise uhereye ku mukuru w’igihugu kuko n’ubu ukuboko kw’Imana kubaguye kwiteze gukubita. Aributsa yuko yari yatanze imburi ku mukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA kandi yuko nya mburi yashitse. Uri n’amatwi ni yumve!
Mw’Ihanga Ryera ry’Imanaimburi yose turayakira tukayisuzumisha ijambo ry’Imana kandi ari iyo ukuri tukayemezwa na Mpwemu Yera nico gituma abaizera twama kubicaniro no ku misozi y’amasengesho nkabo mu bona ku musozi w’amasengesho wo mu gihugu ca Uganda. Ncuti nawe mugenzi wasomye iyi mburi, ugire ukwizera Yesu Kristo kandi wihane ivyaha vyawe vyose. Usanga utarabatizwa ubikore kugira ngo ushitse ukugororoka kwose. Umwami Yesu aguhezagire!
Urashaka ubufasha canke uragomba kwiyumvira Umwungere Alphonse niyonzima? Saba ico kiganiro kuri +257 61404181 canke ubae uwariwe wese ari mu bikorwa vy’Ihanga Ryera ry’Imana aho uherereye.