
IBIRANGA UMUHANUZI W’IBINYOMA
Nkuko twabivuze hariho ubuhanuzi butava ku Mana mugabo bugashitswa. Nti bisigura yuko abavuze ubgo buhanuzi baba ari abahanuzi b’Imana kuko n’abahanuzi b’ibinyoma barahanura ibintu biva kuri satani bigashika. Akarorero, Satani arategura kwica abantu abahanuzi biwe bakabitangaza kandi satani akabishitsa kubera yuko abantu batarondeye uburinzi bg’Imana. Nico gituma ubuhanuzi bgose busohotse ari ukubusuzumisha ijambo ry’Imana kandi bikenewe tugasiguza Imana igikwiriye gukorwa. Uyu munsi hari ibiranga abo bavugishwa b’Imana kandi ari abavugidhwa ibinyoma. Ubamenyera mu nyigisho zabo.
- Usanga ari imvuzi, baresha abantu bakoresheje akarimi kabo. Usanga bagizwe ba rurangiranwa kubera imvugo zabo zisosa.
- Bagerageza kwigarurira abantu bakoresheje ivyiyumviro n’imvugo zabo abantu bakunda aho kuvuga ibinezereza Imana.
- Bama barondera inyungu zabo no guhiganwa n’abandi mu kwinezereza, ukumenyekana, ukwambara neza gusumba abandi, kuba heza cane gusuba abandi n’ibindi.
- Kenshi bama bafise abantu benshi babakurikira, bakunda kubumviriza kandi bavuga yuko babakunda kubera bavuga batavyumva ahandi.
- Barakunda kuboneka cane ku mihora ngurukanabumenyi nka za televisions, za facebook, za youtube whatsapp n’iyindi mihora. Bavuga yuko bafise ibintu bishasha Imana yabahashuriye nkuko bo n’Uhoraho bamenyeranye.
- Nti bishurana ubugwaneza umuntu wese ababajije utubazo nkuko Yesu yama abikora. N’iyo hagize uwubagirako amakenga baca bamugirako iterabgoba bakavuga yuko agiye kuranduka, bakamucira iminsi.
- Mu nyigisho zabo ntibashimikira ku kwerekana ivyaha vy’ukuri no guhamagarira abantu kwihana. Ahubgo batunga intoke abantu, bakabacira imanza kandi bakifatira mu gahanga uyu n’uriya canke aba na bariya.
- Mu gihe bariko baratanga inyigisho zabo, Umwami n’Umukiza Yesu Kristo ntibamuha ikibanza ca mbere ngo bamuvugeko umwanya ukwiriye. Ntagaciro baha iyo mana yihinduye umuntu ngo abacungure.
- Bakoresha imvugo y’ubgenge kandi ihinyitse kugira ngo basamaze abizera ivyo bavuga ngo ntibahave bamenya ukuri.
- Ukuri baguca iruhande bakubona kugira ngo ntibatakaze abantu canke ngo basange batumbereye umurongo w’abizera bose kuko abo bavugishwa b’ibinyoma bigira abantu badasanzwe.
Mu ncamake ibintu bikurubikuru biranga abavugishwa b’ibinyoma ni ivyo. Umuvugishwa n’Imana Ezechkiyeli yareretswe ingene abo bavugishwa b’ibinyoma bameze. N’ibindi bitabo vya Bibiliye biratwereka ingene izo mfyisi zigize intama zimeze n’ingene zikora kugira ngo twame tugavye ntihagire uwugwa mu mosha yazo.
UKO UMUHANUZI EZEKIYELI YABERETSWE ABAHANUZI B’IBINYOMA
- Bumviriza impwemu zabo aho kwumviriza Mpwemu w’Imana. Uyu munsi abahanuzi benshi bakoresha amarangamutima yabo aho gukurikiza Ivyanditswe Vyera. [Ezekieli 13:3]
- Bavuga ngo Imana yabagendeye irabayagisha canke ngo yabacishijemwo ubuvugishwa kandi ataco Imana yababariye. Benshi bavuga ngo bumvise ijwi ry’Imana canke ngo bahishuriwe kandi ari ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyabo. Umuntu wese avuga ivyo Bibiliya idashingira intahe ni ukumwiyubara. [ Ezekiyeli 13: 6-7]
- Ni ababeshi kandi baratinya yuko abantu babahinyuza [Ezekiyeli 13:8]
- Bavuga ngo hari impore mu gihe atamahoro ahari. Muyandi majambo bahereza abantu ivyizigiro bitarivyo mu guhagarara mu Mana. [Ezekieyeli 13:10]
- Bareza icaha, ikibi bakacita yuko ataco gitwaye. Bambika ububisha umwambaro mwiza kugira ngo kiboneke yuko ari ubutwari n’ubuhizi [Ezekiyeli 13:11-12]
- Bazomaramazwa n’Imana kandi izobahanira imbere y’amaso y’abantu bose babimenye. [Ezekiyeli 13:13-16]
- Barakoresha amareba, ubupfumu n’ubundi bukorikori bg’abizera ibintazi. Usanga atari aba-Kristo buzuye kuko bavangatiranya ibintu.
Umwanya umwe bavuga ivyo Imana uwundi mwanya bakabivanga n’ivyo imigambge, amadini n’amoko… [Ezekiyeli 13:18]
- Ntibitaho intama bavuga yuko baragiye. Ivyo banezwe ni ivyubahiro vyabo, inyungu zabo ntubabaze ivy’abigishwa babo. [Ezekiyeli 13:18]
- Mu majambo yabo beza inkozi zikibi bagahana intungane kenyi na kenshi batumbereza ku nyungu zabo. Iyo bamenye uwufise icaha baca basimbira ku gasongero. Umwigisha ahengamira ku nyungu ziwe agahindukiza ukuri ntakorera Imana kugira ngo ashire abanda hasi aba ari ikivume. [Ezekiyeli 13:19]
- Baha impigi abanyavyaha ngo babandanye mu nzira zabo z’umugararizo gutyo bakabashorera mu mahonero aho kubasaba ngo bihane bahindukirire Imana. [Ezekiyeli 13:22]
BIBILIYA IRATUBGIRA UKO ABAHANUZI BIBINYOMA BAMEZE
- Ni benshi kandi bemera ivyiyumviro vyabo [Abami 18:19]
- Bakundwa n’abantu kandi bakabemera [Luka 6:26]
- Bavuga bagereranya ivyo Imana yoba yavuze. [Gusubira mu vyagezwe 18:22]
- Bavuga ivyo amahoro, amahirwe, impapuro n’uburenganzira bgo kuja kuba mu mahanga (visas) n’ubutunzi ku bantu [Yeremiya 23:16-17]
- Bakoresha ubushobozi bagahagarara no kuvyo abantu babonesha amaso maze bakavyita ibimenyetso n’ibitangaza [Matayo 24:24]
- Berekana ubgenge n’ubumenyi bg’abantu kandi bagakunda ivyubahiro, ukwiyimika, ukwigira uwabonekewe n’uwuhambaye. [ Luka 6:26]
- Bama bashaka gukundwa n’abantu bakigenza nkuko abantu bashaka canke bagahamagarira abantu kubemera. [ 2 Timoteyo 4:3-4]
- Bashira imbere inyungu zabo gusa kandi bakanahamagarira abantu gushira inyungu imbere. [Abifilipi 2:21, Luka 16:13]
- Baha inyigisho n’impanuru Uhoraho Imana. Aho kwemera yuko bigishwa nayo. [1Abikorinto 2:16]
- Basaba kwemerwa mu vyubahiro bihaye [ 2 Petero 1:20]
- Bigisha ngo Imana ntizogucira urubanza ngo iguhane kuko ari inyembabazi n’urukundo, ngo ntimugatinye Imana [2 Petero 2:1]
- Basigura ivyiyumviro vyabo aho gusigura ijambo ry’Imana. [2 Petero 3:16]
Ncuti namwe mwakurikiranye izi nyigisho z’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana ku vyerekeye ubuvugishwa bg’ukuri, ubuvugishwa bg’ibinyoma no gutandukanya abavugishwa n’Imana n’abiyita abavugishwa ataribo; turizera yuko mwahigiye ibitari bike kandi na Mpwemu w’Imana yagiye arabatahuza abereka abavugishwa b’ukuri bo kwizigirwa n’ibitumiye mw’ibango ry’ubuvugishwa canke abakoreshwa n’izindi mpwemu zo mw’isi.
Hamwe woba ifise ikibazo urahawe kaze kandi na hamwe woba ukeneye ubufasha naho nyene urahawe kaze. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abatahuze gusumba kandi abahe inkomezi zo guhagarara neza mutarya umunwa muri ibi bihe vy’uruvange rwo mu gihugu, mu madini no mu mashengero. Amen!