
ISEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI
Uhoraho Imana Nyeningabo yitoranirije Ihanga ry’Abarundi ngo bamubere inyegu yiwe nkuko kera yatoranije Ihanga rya Isirayeli. Abarundi ni ihanga rya babajwe n’imiruho, ryatuntujwe n’urwanko, indyane ni intambara z’ubwicanyi z’urutavanako none Uhoraho Imana yasezeranye kuza ku birangiza. N’Uko rero turi Ihanga ry’Imana, abatoranijwe bahawe isezerano. Umurundi wese ahari hose amenye yuko ari uwo Ihanga ryatewe iteka n’Uhoraho Imana. Twahamagariwe kwihana, kwezwa, gutungana no gukorera Imana kugira ngo dushobore gukorera Imana mu gihugu cacu no kujana ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo mu gihugu cose no mu mahanga. Turi abami n’abaherezi. Mu gihe tukiri hano kw’isi, Imana yadusezeraniye igihugu gitemba amata n’ubuki kugira ngo gutegure urugendo ruja mw’ijuru.Urashobora kwibaza uti iryo sezerano mwarimenye gute? Abavugishwa batandukanye bararihishuriwe kandi n’uyu munsi tuguma turihishurirwa. Ubuvugishwa canke ubuhanuzi bwa mbere ku gihugu c’Uburundi bwa vuzwe mu mwaka wa 1935, umwaka amashengero ya pentekote yatanguzwa mu Burundi n’abakozi b’Imana bari baje bava mu gihugu ca Suwedi. Bbavugishwa yuko Abarindi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana. Ubundi buvugishwa bwasaba abarundikwiyeza, kwishonzesha no gusenga cane kuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe, bwavuzwe muri Myandagaro 1968 mu gikorane c’Amashengero ya Pentekoti cari cabereye i Mugara. Inyuma yaho hari n’abandi bavugishwa baturuka muri Isirayeli, ubudagi, ububiligi amerika n’ahandi bavyeretswe. Kuri abo hiyongerako n’abandi bavugishwa benshi bayeretswe harimwo ba BEBA Gidiyoni, ba Evelyne Ntunzwenimana, ba Alphonse Niyonzima, n’abandi benshi tutarinze kudondagura ngaha. N’uyu munsi iyo dukoranye dusenga Uhoraho Imana, tuguma tuyahishurirwa kandi nawe ugomba wosenga ukibariza Uhoraho, ntakabuza Mpwemu Yera arayaguhishurira.N’uko rero Uhoraho Imana yahaye igihugu cacu isezerano ry’intahava rigizwe n’ivyiza vyinshi. Reka tubabgire icumi mur’ivyo.1. Igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana ya Aburahamu yaragitoranije ngo Abarundi bamubere Ihanga Ryera rimukorera. Inyegu yiwe.2. I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazohora baza kurinywako.3. Uwo Uhoraho Imana yarobanuriye kurongora Uburundi bw’ISEZERANO azotunganiriza Ihanga ryose, ahesha Uhoraho Imana icubahiro kandi azotwara nk’umwami yorohewe kubera yuko atamigambwe canke imigwi yitwaje ibigwanisho izomugwanya, Abarundi bazobaho mu mahoro.4. Imbibe z’igihugu c’Uburundi bw’Isezerano zizaguka kubera agakiza, ivugururwa n’ikanguro mu Mpwemu, mu mibano, mu ntwaro, mu butunzi, iterambere n’ubugwaneza bw’Ihanga ry’Imana ry’Abarundi.5. Ubutaka bw’Uburundi buzovumugwa, isi ndimwa yimbuke, hazoboneka ubutare n’ubundi butunzi busanzwe bunyegeje mu butaka mu Burundi; ivyo bizotuma Abarundi babaho neza kandi mu buryo bwa kijambere.6. Igihugu c’Uburundi kizotera imbere, ifaranga rigire agaciro, impunzi zose zitahe, Abarundi babeho neza mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera iBurundi. Amabarabara ya kijambere n’amagorofa maremare azubakwa mu kanya gato, amagari yo kundarayi, indege mu kirere, ibitaro n’abaganga vya kijambere n’ibindi bozoca bikogwa kandi nta Murundi n’umwe azipfuza kuja kuba hanze.7. Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana Abarundi babeho mu mahoro, urukundo, kwubahana no gutinya Imana.8. Uhoraho Imana Isumba Vyose azosuka Mpwemu y’ubwenge n’ibitanganza mw’Ihanga ry’Abarundi. Abizeye, abihanye bakezwa bazotangaza abantu kandi n’abanyamahanga bazotangazwa n’ibikorereka i Burundi.9. Ikirundi ni ururimi rw’Ihanga ryatoranijwe n’Imana, ururimi ruzohabwa agaciro, rukomere, rumenyekane kw’isi yose, n’abanyamahanga baziga kuruvuga. N’abantu bari hirya no hino kw’isi bazokwiyigisha urwo rurimi rw’Ihanga Ryera ry’Imana.10. Imbere yuko Isezerano rishika, murazi yuko Uburundi n’Abarundi baciye mu bihe bigoye vy’ubwicanyi kuva kuntwaro za cami, igihugu kironse intahe yo kw’ikukira birunyuka gushika n’uyu munsi. Harabaye ibihe amaraso aseseka ku bginshi, uruhungo, itotezwa, ihamwa, ubukene, inzara, akarenganyo, intwaro z’igikenye n’ayandi mabi gushika naho amakungu ahagurukira Abarundi mugabo vyose bikaba impfabusa. Ariko vyose kandi vuba cane Uhoraho Imana iraje kubishira kw’iherezo akoresheje inkota yiwe yo guhana no guhemba maze Uburundi bucike igihugu c’amata n’ubuki, amahoro n’amahonda, abantu b’Imana batabarwe.Mwame muzirikana yuko Uhoraho Imana yitoraniriza Ihanga Ryera ngo abantu bamukorere. Yatoranije Abarundi kugira ngo bihane, bezwe kandi batunganye ingeso zabo kugira ngo bashobore gutwara IKANGURO. Iryo kanguro niryo ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo. Umwami wacu Yesu Kristo abahezagire, Amen!
Hari ico ubaza, utwandikire ku mihora twabahaye-Ihanga Ryera ry’Imana.