INGOMA Y’UBWAMI BGA DAWIDI:ivyaranze ubgo bgami.

Abantu benshi na cane cane aba-Kristo bo mu baporisanti, iyo bariko baravuga ubutware bgiza bgo mw’isi bavuga ivyerekeye INGOMA YA DAWIDI yo mu bg’Isirayeli. Abavugishwa iyo bariko baravuga ivyo intwaro Uhoraho Imana yishimira canke igiye kwishiriraho haba mu bindi bihugu canke mu Burundi, bavuga yuko Imana nyeningabo yitoranirije uwo yiyimikikira azotwara gihugu nk’ingoma ya Dawidi. Bamwe bamwe babisubiramwo uko nyene kumbure bakurikije inkuru bumvise n’izo basomye muri bibiliya yuko Dawidi yari umwungere aragira intama maze Imana Nyen’ingabo kubera yamwikundiye ikamushikana ku butegetsi akaba umwami wa Isirayeli.
Turavye ivyo Umwamu Dawidi, Bibiliya iratubgira yuko yabayeho kuva mu 1035-970 ari umwami agira kabiri w’ubgami bgunze ubumwe bga Isirayeli yakera, akaba ariwe yafashije gushiraho intebe y’ubutware yamaho y’Imana. Umwungere w’intama za se ISAYI (Jesse) [1 Samweli 17:12], Dawidi yabaye icamamare cane cane kubgo urukundo rutangaje yarafitiye Uhoraho Imana, amazaburi akora ku mutima yanditse, ubuhinga yarafise bgo kuvuza indirimbo, uburyo yatera intege abantu; ingene yari umuhinga w’intambara; ingene yasa n’intore ku mubiri; ingene yarenze ibigo n’umukenyezi Berisheba na cane cane ingene yabaye sekuruza w’umwana w’Imana Yesu Kristo wi Nazareti.
Yavutse mu myaka wa 1000 imbere yuko Yesu Kristo avuka, akaba yari uwanyuma mu bana umunani ba ISAYI wo mubgoko bg’abayuda. Co kimwe n’umwami Sawuli canke umwami Salomon, Umwami Dawidi yatwaye imyaka mirongo ine (40) kandi ni kimwe mu bihe vy’umwimbu n’iterambere igihugu ca isirayeli cagize. Benshi bita “Ibihe vy’inzahabu”vy’Ihanga rya Isirayeli.
Naho Dawidi aboneka nk’uwudatunganye kandi w’umunyavyaha baravye abandi bami baje inyuma yiwe, ibitabo bitari bike vya Bibiliya bimwerekana nk’umwami w’akarorero mu rukundo, mu kwihana no muguca bugufi ategura umuzo wa Mesiya. Umwami Dawidi ni sekuruza wa Yesu Kristo kuko nawe nyene yitwa “Umuhungu wa Dawidi.” Ikintu gikuru muri Dawidi kandi camushize hejuru n’uko yiswe n’Imana yuko ari umugabo afise umutima nk’uwo Uhoraho Imana ikunda. “Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nkuko umutima wiwe ugomba; kandi niwe Uhoraho yashinze ngw’azabe segaba w’abantu biwe.” [1Samweli 13:14, Ivyakozwen’intumwa 13:22]
Amasezerano 10 Uhoraho yahaye Dawidi
Umwami dawidi yarafise Isezerano yahawe n’Imana kuva akiragira intama kuko yari yaramutoranije gushika yisaziye agahamvya ba sekuru. Muri iryo SEZERANO harimwo:

  1. Yuko yamukuye inyuma y’intama ikamuha kuragira Ihanga;
  2. Imugira segaba w’abantu b’Imana;
  3. Yagendana nawe ahantu yaja hose ijoro n’umurango;
  4. Yarandura abansi biwe imbere yiwe;
  5. Yamuhaye izina rurangiranwa mw’isi yose nkuko nabandi bari;
  6. Abantu biwe yabahaye igihugu cabo bgite gitemba amata n’ubuki;
  7. Abantu b’ibirara baguma babica ntibaba bagisubira kubagirira nabi nk’ubgambere;
  8. Yamuhaye impore hagati y’abansi biwe;
  9. Uhoraho yamugize igisata, umutware amuha n’amahoro kw’Ihanga rya Isirayeli;
  10. Yisaziye akimika umwana wiwe yivyariye azokomeza ingoma yiwe, yubake ingoro y’Uhoraho kandi akomeze intebe yiwe. [2 Samweli 7:8-17]
    Intsinzi nkuru nkuru za Dawidi
    Iyo umuntu yatoranijwe n’Imana ikamuha amasezerano, biramuseruka. Uhoraho Imana yatoranirije Dawidi kuba Umwami wa Isirayeli kuva akiri muto.
    1.Yatsinze ikigatanya Goliyati, arongora umukobga w’umwami sawuli aba n’uhambaye mu ngabo ziwe [1 Samweli 16:1-13; 17:1-58, 18;20-30]
  11. Dawidi yabaye umwami w’abayuda n’umwami w’imiryango 12 yo mubg’isirayeli aca arinyagira n’umurwa wa Yerusalemu [2 samweli 2:4 n’igice ca 5];
  12. Dawidi yagarukanye isandugu y’ISEZERANO ry’Imana I Yersalemu [ 2Samweli 5:7, 1 Ingoma 15:25- na 16:3];
  13. Uhoraho Imana yahaye dawidi Isezerano yuko ubgami bgiwe buzamaho ibihe n’ibihe [2Samweli 7:16, 23:5, 1 Ingoma 17:16-27, 2 Ingoma 13:5…]
  14. Mu ntambara Dawidi yanesheje abafilisitiya [2 samweli 13:14]; Dawidi yanesheje aba Mowabu, aba Moni n’aba Siriya azana amahoro arama mu bg’isirayeli [2 Samweli 8:2-10:19];
  15. Uhoraho yavuze yuko Dawidi afise umutima ikunda [1Samweli 13:14] igihe cose Dawidi yakora icaha yarihana akarambarara hasi asaba imbabazi gushika naho atabonekako agasembga [2Samweli 22:24-26];
  16. Dawidi yemeye gutanga ubuzima bgiwe kugira ngo akize abantu icago c’urupfu, imana ica ivuga yuko inganji yiwe izokwamaho [2 samweli 24;10-17, 1 Ingoma 21:1-5];
  17. Dawidi yahawe inyereko ku musozi Moriya abgirwa kwubaka igicaniro c’Imana [2 samweli 24;18-25; 1 Ingoma 21:18-28];
  18. Uhoraho Imana yahaye Dawidi urutonde rwo kwubaka ingoro y’Imana, aca ashiraho ugutazira n’ingene amasengesho azohora atunganywa ku ba-Lewi n’abaherezi no kuri bose [1Ingoma16:1-42, 23 gushika 25, 28:11-19];
  19. Dawidi yahavuye yimika umuhungu wiwe Salomoni kuba umwami w’abisirayeli [1Abami 1:28-40] Aho niho hatanguriye ibandaniriza ry’ingoma ya Dawidi gushika hashikijwe ubgami bga Yesu Kristo. [Matayo 1:1, 1 Timoteyo 6:14-15]
  20. Dawidi yarafise ishaka n’ubgira mu ntambara, akizera Uhoraho Imana yuko imukingira. Yagumye ari umwizigirwa kuri Sawuli naho yagomba kumugirira nabi. Mu buzima bgiwe bgose, Dawidi yagumye yizigira kandi akunda Uhoraho Imana n’umutima wiwe wose n’ivyiyumviro vyiwe vyose. [ Zaburi 54; Zaburi 63, 1 Samweli 23 na 24]
  21. Umwami Dawidi kandi yahora asiguza Uhoraho Imana imbere yo kugira ico akoze kutyo akama ari mu rutonde n’ubugombe bg’Imana. [2 Samuweli 2:1, 2 Samweli 5:19]
    Ingorane nkuru nkuru za Dawidi
    Iyo umuntu yatoranijwe n’Imana agahabga amasezerano ahambaye y’intahava, agira amahoro, amahirwe n’iterambere mugabo nti bimubuza kugira ibimugora n’intambara zitoroshe.
  22. Umwami Dawidi yarahuye n’ibigeragezo ataranima ingoma, Umwami Sawuli amugirira ifuhe agomba kumwica arahunga agaruka aruko Sawuli apfuye [1 Samweli 19:1121:11; na 19-25]
  23. Umwami Dawidi yasambaye na Berisheba muka Uriya maze atwara inda, abura uko abigenza [2 Samweli 11:4 -11:5];
  24. Dawidi yicishije umusirikare Uriya [2 Samweli 11: 17];
  25. Dawidi yaratuye arihana icaha ciwe, Imana iramuharira mugabo umwana wigitwarire bavyaranye na Betisheba arapfa [2 Samweli 12:10, 13, 19];
  26. Dawidi vyaramunaniye guha indero abana biwe, gushika naho umuhungu wiwe Amunoni akora icaha co gufata ku nguvu mushiki wiwe tamari, aca yicwa na mwenewabo abusolomu. [2Samweli 13:14-29];
  27. Abusalomo umuhungu Dawidi yakunda cane yaragumutse afata ubgmi bga se Dawidi, hanyuma aza kwicwa aca asubirana inganji [2 Samweli16-17; 18:14-15];
  28. Dawidi yaratutswe na Shimeyin’abandi benshi ibitutsi vy’akavunamutima [2 Samweli 16:5-14,20:1-7];
  29. Incuro zibiri Dawidi yaharuye abantu biciye kubiri n’icagezwe c’imana bibazanira ivyago [2 Samweli 24:2-15, 24:1-9;1 Ingoma 21:1-4, 7-17];
  30. Dawidi yipfuje kwubakira Uhoraho Imana ingoro I Yerusalemu, Imana iramwankira kuko iminwe yiwe yariko amaraso y’abantu [2Samweli 7:1-2, 1Abami 5:16]