Uwigishijwe inyigisho z’ibinyoma asa n’uwariye uburozi, agenda umubona.

Lambert Muhimpundu vyabuze apfukamiye ikibazano

            UWIGISHIJWE INYIGISHO Z’IBINYOMA AMEZE NKUWARIYE UBUROZI.

Abantu benshi baribuka yuko Muhimpundu Lambert yatangure ari umuvugabutumwa ku mihora ya whatsapp na Facebook akavuga yuko azokwira isi yose avuga ubutumwa. Aho ahungiye mu mwaka wa 2015, nako ubu hoho yivugira ngo yagiye muri 2014 ngo ntiyahunze, yahavuye afatwa n’impwemu zimukubagura. Yahavuye yifatanya n’abahawe ISEZERANO, aragerageza kuvuga ubutumwa mugabo kubera yabuvanga n’ubgibone vyahavuye bimugora arasezererwa. Yaciye ahinduka umucokoranyi w’abisezerano nka SENIBARATI na TOBIYA.

Avuye mw’Ihanga Ryera ry’Imana yaciye aja kwifatanya n’imihari ya politike, aba umwe muba MITHEBU, barananiranwa ngo”Nta nkuba zibiri zisangira igicu” aca ariyimika maze urubuga rwiwe aruhindura ngo “Ingoma y’Uburundi”. Yandize vyinshi, avuga menshi amajwi yiwe yirirwa aracanacanako ngo abantu bamwemere nk’umwami w’Uburundi. Yiyimikiye mu buhungiro mu gihugu ca Uganda. Yumvise yuko abantu hirya no hino baguma bamutera ivyatsi yagiye arahindagura hamwe ngo Ingoma ya Dawidi I Burundi, ahandi ngo ingoma ibi na biriya agashinga leta n’abatwara intara z’ingoma ziwe y’Uburundi gushika naho ahindura izina abgita ingoma y’ubukiriro.

Aho ahungukiye ntiyagataye hasi. Aguma ahendesha abantu ibiti n’amaronko. Abarundi benshi bumvise ugutwara agatima kabo kararebareba kuko bisigura kurya ivyo utabiriye akuya, ukaronka ivyubahiro. Nico gituma yaronse abamwiruka inyuma kandi bakanamushikanira ivyo bita ibigiracumi n’amashikanwa. Uko bagenda baramuhinyura yuko ari umubeshi kandi ivyo avuga yuko ari ubuswaganyi baciye bamutazira SAMANDARI. Bagenda baramuvako kubginshi mugabo hari akarwi yifatiye basangira ivyobakura muvyo bita abayoboke biwe. Muvyatumye bamwe bamuhinyura:

  • Yataye ubu-Kristo akavuga yuko ivyagezwe arivyo bicungura abantu. Izina rya Yesu Kristo ni ikizira kuri we avuga ngo EMANUEL gusa. Mbere benshi bamwita anti-Kristo. [Abifilipi 2:9]
  • Avuga yuko Bibiliya Yera irimwo amakosa menshi azoyikosora mbere yuko atazoyita bibiliya ngo azoyita igitabo c’ivyagezwe. Isezerano rishasha ryoryo ntaryerekwa. [Ivyahishuriwe Yohana 22:18]
  • Kudatahura kwiwe ivyagezwe asanzwe yigisha ahubgo akaba ari nawe akora ubusambanyi, akaborerwe, gusenga ibigirwamana. [2 Abikorinto 3:6, Abaroma 4:15]
  • Kutagira inyigisho z’ukuri akama ariko arigisha ku bandi acokora umuntu wese, abategetsi, amashengero amadini… kugira ngo aronke ingene avuga ivyo ubgami bgiwe kumihora yiwe ya whatsapp na facebook.  [Ivyahishuriwe Yohana 12:9-10]

Uyu munshi abantu benshi bagira bati uwarushe ntaruhuka kandi wubakira ku kinyoma umunsi umwe kikagutekurukana. Aho abunze ku BUTERERE bga Bujumbura n’ubu za mpwemu zihumanye ziguma zimukubagura. Ubuho yaribaziye igishushanyo c’isandugu, ni ico apfukamiye kuri iyo foto, akacita ngo ni ya sandugu y’isezerano y’abayunda. Ntazi gutandukanya ivyo umubiri n’ivyo Impwemu. Nkako aho ageze ubu, adakoze igishushanyo nkico kiboneka n’amaso ntiyoronka ikindi kintu yohendesha abantu. Ukwibisha uruyeri canke gushuka abantu bisaba ubuhinga buhanitse.

Abashakashatsi baragerageje kurondera kumenya iyo isandugu y’isezerano ry’Imana n’Ihanga rya Isirayeli, yaroye birabata kuwa’amazi. Ni isandugu ryubatswe haciye imyaka irenga ibihumbi bitatu (3000). Benshi barariburiye irengero. Iyo sandugu yatanguye kuburirwa irengero igihe abo ibabuloni basahura Yerusalemu. Hariho abavuga yuko mu mwaka wa 586 imbere yuko Yesu Kristo avuka, ABALEWI bayihungishirije muri EGIPUTA igahava igaca imanukanwa muri ETIYOPIYA mu gisagara ca AKSUN muri Katedrali MARIYA MWERANDA WI ZAYONI. Iyo sandugu icunzwe nabo bavuga yuko bihebeye Imana. Naho biri uko abo bihebeye Imana ntibigeze bakundira umuntu numwe kuyihweza ngo bamenye yuko ari iyo ukuri canke yuko ari iciganano nkico uyo yitaziriye MUYIHIMPUNDU Yosuwa apfukamiye.

Ahuko umuntu yozimirira mw’Ijambo ry’Imana yotuma azimirira mu nzira icamwo abantu benshi kuko bomuzimurura. Uwuzimiririye muvyo impwemu amaze kurogota kuri Mpwemu Yera akihakana Yesu Kristo ariwe Mwami n’Umukiza we nyene yitanze akababazwa, agahambga kugira ngo atwoze ivyaha. Uyo muntu ntakindi wokora atari ukumengera kuko aba afise impwemu zitava k’Uhoraho Imana Yehova yaremye ijuru n’isi.

Nti hagire umu-Kristo ahendwa n’ibibazano ngo akurikire bgije, ntihangire umuntu ashaka kugororokera Uhoraho Imana atwarwa n’inyigisho z’ubuzimire. Twese dutumbere Yesu wenyene.