Intahe ya Fulgence NIMBONA: yagarukiye ku munwa warwo/ Diane NSHIMIRIMANA.

                                      INTAHE YA FULGENCE NIMBONA

Aha munsi y’izuba habera vyinshi. Hari ivyo twumva ku maradio ukamenga nivyo mu bindi bihugu kandi ari ngaha iwacu. Bagenzi, satani yaratwinjiranye, yaratwinjira kandi twese dukwiriye  uguhaguruka tukamurwanya, mw’izina rya Yesu Kristo. Fulgense NIMBONA yatanguye anywa inzoga nk’abandi bantu bose tubona, hanyuma akanywa n’itabi nkuko n’abandi babigenza na rimwe rimwe agashirako n’utundi.

Nkuko vyama vyabaye kenshi bamwe bagahereza kuja kuvurirwa mu bitaro vy’abagwaye mu mutwe, abandi bakaba ba ruhebga burundu bakitwa abasazi; Fulgence NIMBONA we yaragize amahirwe kuko umuryango wiwe waramwirukiye umujana kw’Ishengero rya Yesu-Ihanga Ryera ry’Imana akaba ariho yatabariwe na Yesu Kristo, ubu Fulgence akaba ari muzima ashinga intahe nkuko yabigize kuri Radio Isezerano Internationale.

Umuryango wiwe wamushikanye ku gicaniro c’Ihanga Ryera ry’Imana kiri ku MUGARURO mu KINAMA ca Bujumbura atagishobora kuvuga canke ngo yumve kandi asigaye ari nkabo bita abasazi. Umwungere Diane NSHIMIRIMANA w’Ishenero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana ryo ku MUGARURO agira ati: “Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga ry’Imana, rishima Imana cane kubgo uyo mugabo yitwa Fulgence NIMBONA yari yarabaye ruhebga, imiryango, abo bavukana ndetse n’umugore wiwe basa nabamuhevye kuko batigera bamubona. Bishitse bagahura yababgira amajambo atari meza.
Ivyo vyose vyava kumvo yo kunywa ibiyayura mutwe (yanywa itabi, urumogi na zanzoga ziyovya ubgenge.)
Harageze igihe bimugira umusazi, agatangura kuvuga amajambo adatahuritse ico umubajije ntabe arico yishura. Yaramaze umwaka n’amezi 3 ataduga kuraba umuryango.

Aho hose yarara mu nyubako z’amashure, yama akubitwa, mundwi yakubitwa nka 3 canke 4, n’ahandi akanacumitwa ariko Imana yaramurinze, ntiyapfuye. Umunsi bamuzana ku rusengero ngo tumusengere bari bamukuye aho amaze iminsi aryamye ku mbaho kw’i JABE mu gisagara ca Bujumbura. Nti yavuga yari ikiyingiyingi canke ngo yumve. Iminzerere myinshi ngo niyo yumva mu mutwe wiwe kandi vyaraboneka abamutuzaniye bari bafise intuntu n’akabonge. Bashiki biwe na Murumuna wiwe bamutuzaniye bamutuzaniye bababaye cane.

Twarasenze Imana irururuka maze iramubohora, iramukiza. Ubu arafise ubgenge bukwiriye, yarasubiye ku kazi kandi ubu aba mu muryango kwa mushikiwe kandi ariko aritegurira kuduga kuraba umugore kuko yari yaje gukora akazi mugisagara ca Bujumbura avuye ruguru i Gitega iwabo.
Imana ihabge icubahiro ibihe vyose bitazoshira kubera ibitangaza vyo kubohora abari mu ngoyi za satani iguma ikora mw’Ihanga Ryera ryayo.”

Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese bakunzi b’ubusaraba wa Yesu Kristo. Ntihakagire uwuguma mu ngoyi za Satani kuko yaratsinzwe mw’izina rya Yesu Kristo. Ntihakagire umuntu n’umwe afatwa mpiri n’icaha kuko kijana mu rupfu. Ivyo Yesu Kristo yakoreye Fulgence NAHIMANA nkuko mwamwiyumviye kuri Radio Isezerano, uwo Yesu Kristo nawe ashobora ku bigukorera. Yavuze ati:” ni muze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe ndabaruhura.” [Matayo 11:28]

Uragomba ubufasha canke urafise ico ubaza? Rondera umwe mu bakozi b’Ihanga ry’Imana ari mu gihugu uherereyemwo canke  utwandikire +257 61404181. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese.