“DUHINDURA UBUSA INKOMEZI ZA SATANI” Umwungere Alexis NIYORUREMA.

“DUHINDURA UBUSA INKOMEZI ZA SATANI” Umwungere Alexis NIYORUREMA.

Mu minsi yahera twarabashikirije intahe yuwo Yesu Kristo yabohoye yari yarakoreshejwe n’abadayimoni. Uyu munsi twagomba tubabgire igice gikurikira. Mu ncamake twabandikiye tuti: “ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY IMANA ryabatije umwigeme TWAMEDUSENGA Estella-Pascasie yari amaze kugarukira kuri Yorodani incuro umunani (8) kubera impwemu yiwe yatwawe i kuzimu akiri umwana akabikuriramwo kandi vyari vyaranse yuko abohoka gushika ico gihe. Afise intahe iteye ubgoba n’agahinda. Kuva agifise imyaka itanu (5) yagurishijwe na nyina amuvyara ku mugore atunze cane. Amushikanye i muhira iwe yamutwaye ubgenge aca atangura ku mugaburira inyama z’abantu akamunywesha n’amaraso y’abantu, ivyo bicika infungurwa n’ibinyobga vyiwe. Uwo mugore w’umutunzi yahavuye yica umugabo wiwe maze aca agira ako kana kagakobga ki myaka 5 ngo kabe umugabo wiwe. Uyo mugabo ahejeje kwicwa, imbere yo kumuhamba bamukuyemwo ivyo munda barabibika n’amazi buhagije ikiziga ciwe barayabika akaba ariyo batekesha ivyo kurya bagaburira abantu. Bantu muja gufungura mu ngo bavuga ama duwa muragabe! Muca mwumva igituma igihugu cacu c’uzuyemwo uvyo twese tuzi. Uwo mugore yahora avoma amaraso ku matako y’uyo mukobga akoresheje urushinge (iserenge) akaja kugurisha ahantu yibaza yuko ari mu kuzimu. Yahavuye abohera ako kana ku gitanda akamaza amezi ane karya kandi kituma aho nyene agaca agasambanisha intoke ziwe akanagasambanisha nibipira bigaheramwo. Ivyo bamukoreye gushika agere mu bigero biteye ubgoba, isoni n’agahinda.”

Twaraganiriye n’Umwungere Alexis NIYORUREMA atubgira ati: “Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga ry Imana, ry i Bujumbura rirashima cane Uhoraho Imana kubga wa mukobga yashinga intahe yitwa TWAMEDUSHIMA Estella kuko kimwe yavugako cari gisigaye munda kimubabaza kandi akavuga yuko arico camuzibiye kuja mu bihe nk’abandi bigeme camuvuyemwo.
Hano mu masengesho duhindura ubusa ububasha bga satani. Ingene camuvuyemwo kwari nkakurya umugore yibaruka umwana. Caje kiriko amaraso kandi gifise ubugi nk’ubgo imbugita kiboneka yuko aho cari munda caguma kimukeba. Turashiye Imana yamubohoye ikamukorera ibikomeye ubu arakora imirimo yo mw’Ishengero, arakoropa, arapanga intebe, arasenga akavuga nk’abandi, ivyo atari gushobora gukora kera.
Yaradushikirije ivyo yahora akoresha mu kuja gutera aba-Kristo badahagaze neza mu mashengero. Bigizwe nivyo bita ubudede, ubuyeye canke ubushanga. Nkuko mu bibona kw’isanamu, harimwo ubusa n’ugwatsi rutoto n’ubgirabura. Ngo yabukoresha kugira yiyoberanye kandi aronke inkomezi kugira ngo ashitse mu madini bamwakire nk’umukozi w’Imana kandi ari intumwa ya Satani. Ngo ubusa n’ugwatsi bgari ubgo kugira izindi nguvu zo gukora ikibi. Ubgirabura nabgo ngo bgari ubgo kuzimya ingabire z’aba-Kristo.  Ngo abasenzikazi bipfuje ubgo budede yambara yabubahaye haciye iminsi aho babgambariye hagacika ibisebe ntibakire kiretse bagiye kumurondera ngo abasengere. Ubgo nibgo buryo yakoresha mu kubashiramwo impwemu z’abadayimoni. Mwibange abantu babasengera bantu b’Imana. Amashengero yitirirwa aba-Kristo arakwiriye kuba ayo Impwemu y’Imana kugira ngo asese impwempu ziza mu rusengero. Ngo yambaye ivyo biheko, ageze mw’isengero bamwakira nk’umukozi w’Imana ngo akavuga ubutumwa canke agasengera abantu. Aho ngo yaba abambuye ubushobozi n’ubudahangarwa.

Turashimiye Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ku ngene abandanya kwigaragaza mw’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana na cane cane hano mw’Ishengero rya hano ku MUGARURO I Bujumbura. “

Bagenzi musomye iyi ntahe, mw”ihanga Ryera ry’Imana dusenga Imana yumva amasengesho kandi ikora ibikomeye. Imbaraga z’umwijima zose turazikandagira mw’Izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. Ntihakagire muri mwebge uwemera kwama akubagurwa n’impwemu zihumanye.Abadayimini tubafiseko ububasha. Hamagara abakozi b’Imana canke utwandikire kuri +257 61404181 no kuri abisezerano@yahoo.com UMWAMI YESU YAMAMARE, AMEN!