Petero BARAKIKANA »Umurimo w’Imana usaba ukwitanga no kugendana ubgenge. »

UMUSEMEREZI PETERO BARAKIKANA Petero Barakikana asanzwe ari umu-Kristo aja mu vyumba vy’amasengesho gusenga Imana vy’umwihariko nk’abandi bose. Uko arondera Uhoraho Imana n’umutima wiwe wose, nayo niko yamwiyeretse mbere ikanamuhishurira amabanga. Si igihe cose Uhoraho Imana iguhishuriye amabanga y’ijuru n’ayo mw’isi iba igutumye ku yanda mw’ibarabara canke kuyasanzaza ku mbuga ngurukana bumenyi kuko nkuko umusiguzi yabivuze” Igihe cose gifise umwanya waco.” [ Umusiguzi 3:1-8] Kandi si igihe cose Imana igutumye gusemerera ushobora kworoherwa. Uca mu nzira zirimwo amahwa, imidugo, ubunyerere, inzoka n’ibihanda vyinshi.Petero Barakikana yahawe kugenda arasemerera ngo Abarundi bose bihane, batunganye ingeso zabo bezwe kuko hari ico Uhoraho Imana aje kwikorera mu Barundi baba abari mu gihugu hagati canke abagiye mu mahanga atandukanye. Muvyo asemerera kandi harimwo y’uko mu gihe ca vuba Uhoraho Imana aje we nyene kwimika ku ngoma uwo yirobanuriye ngo azomuheshe icubahiro mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga.Agira ati:” Uhoraho Imana Yehova, yaremye ijuru n’isi araje adatevye kugorora ibigoramye vyose mu gihugu. Urwanko n’amacakubiri y’ubgoko, imigambge, amadini, intara n’imiryango rugiye kuzimangana. Abarundi bose babane mu mahoro, impunzi zitahe abapfunzwe bapfungurwe n’ubukene n’inzara birandurwane n’imizi. Bantu mwese mwihane mwubahe Imana mu kuri kugira ngo mwibonere ubgiza bgayo kuko iraje kurandura igiti cose itateye.”Muri ukwo kugenda arasemerera intara zose yahavuye abura urupfu rw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ari naco catumye afatwa agapfungwa. Yagize ati: “Umukuru w’igihugu cacu Petero NKURUNZIZA giye gupfa bidatevye kuko Imana yamukuyeko uburinzi.”Petero Barakakina avuka muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza akaba asengera mw’ishengero rya Emmanuel. Ariko ifatwa ryabereye mu Mvugo muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba.Ku wa 29 rusama 2019, Petero Barakikana yarahagaritswe n’igipolisi maze aja gupfungirwa muri komine Nyanza-Lac. Ku wa 03 ruheshi 2019, Petero Barakikana yungururijwe muri parake ya Makamba. Uwo musi nyene, mu nama y’umutekano, uwahora ari bulamatari Gadi Niyukuri yategetse ko Petero Barakikana yungururizwa mw’ibohero ryo ku Murembwe mu ntara ya Rumonge. Bulamatari Niyukuri yagize ati: »Izo nyigisho z’ibinyoma zitumbereye guhungabanya umutekano w’igihugu. Umushikirizamanza ategerezwa kumurungika ku Murembwe! »Ari no mu minwe y’inyamiramabi, Petero Barakikana yagumye yemeza ko ubuvugishwa bgiwe ari ukuri kandi ko yiteguriye ingaruka zose zishobora kumushikira kubgo ubuvugishwa yatanze. Inyuma y’umwaka wuzuye neza, Prezida Petero Nkurunziza yaciye asezera isi ku wa 08 ruheshi 2020. Uyu munsi Petero BARAKIKANA yatubariye n’ibindi vyinshi Imana yamuhishuriye ati kandi vyose bigeye gushika. Duhamagarira abavugishwa b’ibinyoma n’abihaye kugenda barashikuza, guhora. Umuntu ataco yabariwe n’Imana areke kwimbira icobo uwariwe wese bafise ico bapfa. Uhoraho Imana ntakorera mu nzankano z’imigambge, amoko, amadini n’ibindi. Uwo muzokwumva yishira hejuru canke ashira hejuru uyu canke uriya azoba ari umuvugishwa w’ibinyoma canke bamwe basuka abantu n’abibisha uruyeri. Umuvugishwa w’ukuri ashira hejuru Izina rya Yesu Kristo. [1Yohana 4:3, 2 Abikorinto 10:15]Bantu mwese musoma iyi nkuru, tubasavye mwihane, mwiyeze mu gutunganya ingeso zanyu kuko Imana yo mw’ijuru ifitiye umugambi mwiza Ihanga ry’Abarundi n’igihugu c’Uburundi. UMWAMI N’UMUKIZA KRISTO YESU YAMAMARE!