
UMWUNGERE SAMUEL BAYUBAHE
Umwungere Samweli BAYUBAHE ni umuvugabutumwa atuye mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi, akaba amaze gushikana amasinzi y’abantu ku gakiza. Abumviriza inyigisho ziwe no gusegera imitwaro itandukanye benshi barakize kandi bakadushingira intahe. Nta ndwara n’imwe itarakira kubgo amasengesho yiwe. Tugomvye kubashikiriza intahe nti mworonka aho muzikwiza.
Mu nyigisho ziwe, ntazi gukebera icaha. Amenera inda ku rukumu, ikintu cose akakivuga uko kiri kuva ku vyagezwe icumi biri muri Bibiliya Yera, akongera akadoma urutoke no ku bindi vyaha bikorerwa mw’ibanga. Uwuboshwe n’amacakubiri y’amoko, intara, imigambge, amadini n’imiryango amwumvise mw’ijwi arakira. Uwuboshwe n’ukwisambanya, urwanko, inzigo, ukwidoga n’ibindi amwumvise mw’ijwi arabohoka. Uhoraho Imana yamuhaye impano yo kuvugana ubushobozi ijambo ryayo no kuzana benshi ku gakiza mu kubohoka no gukira. Ahamagarira abantu bose kwihana n’ukwezwa kugira ngo bakire uburake bg’Imana bugiye kuza. Aravuga ubutumwa ku ma radio n’amatelevisions, no ku yindi mihora ishikana ubutumwa kure cane. Uwugomba ubutumwa bgiwe yoja kuri YouTube akandika izina ryiwe BAYUBAHE Samuel.
Umwungere Samuel BAYUBAHE, afise n’ingabire yo guhanura abandi bakozi b’Imana. Yahamagariwe guhanura abavugishwa b’ibinyoma, abigira abungere kandi ari ibimwenyi co kimwe n’abagize urudandazwa ijambo ry’Imana. Ni umwe mu bakozi b’Uhoraho Imana bagendera mu muco kandi badahindukiza ijambo na rimwe kuko atumbereza abantu bose ku kuri kwuzuye.
Afitiye urukundo rudasanzwe abantu bose bari mu bibazo bitandukanye. Kenshi araduga imisozi agiye kuvuga ubutumwa, gufasha abagowe, kwubakira amazu abaturatura n’ibindi bikorwa vy’ukugiraneza no ku gororoka muri za Bujumbura, Bubanza, Muramvya n’ahandi. Ivyo vyose kugira ngo biheshe icubahiro umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo.
Muntu uri mu gisagara ca Bujumbura n’intara ya Bujumbura. Muntu ushobora ku mushikira ukoresheje telephone, ntiwemerere satani n’abadayimoni kuguma bagukubagur. Egera abakozi b’Imana Ishobora Vyose bakwigishe ukuri, baguhanure, bakurongore, bagusengere kugira ngo wuzuzwe amahoro n’umunezero. Hamagara Umwungere Samweli BAYUHE kugira ngo mufashanye guhamagara ubushobozi bg’ijuru wobonere gutabarwa. UMWAMI N’UMUKIZA YESU KRISTO YAMAMARE, Amen!