Umwungere NINZIZA ELYSE yarasizwe amavuta n’ijuru, Uhoraho amaukoresha ibitangaza.

                                   UMWUNGERE NINZIZA ELYSE

 Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana rifise amashengero mu gihugu no mu mahanga kw’isi yose. Ni Ishengero rya Yesu Kristo riboneka n’iritaboneka riri ngaha kw’isi. Mw’ishengero ribonwa n’amaso y’abantu rifise inyubako hirya no hino mu gihugu n’ibicaniro bihuriramwo abanyengabire birenga 50 birongowe n’abungere batandukanye.

Mu ntara ya GITEGA, umwungere ELYSE NINZIZA arazwi cane kubera ukwitangira umurimo wa Data aho agenda aramamaza ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo mu ntara yose. Imana imukoresha ibihambaye benshi bakihana, abandi bakabohoka ingwara z’umubiri nizo umutima maze Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo akamamara. Arazwi cane hirya no hino agenga arigisha ubutumwa kandi abatiza amasinzi y’abantu bizera mw’Izina rya Yesu Kristo.

Abenshi mwarumvise intahe ihambaye y’umwigeme NSHIMIRIMANA Christa Bella basengeye maze agakira ingwara iteye ubgoba abaganga n’abandi bahinga ntibatahure ingene ivyananiranye izina ry’Umwami Yesu Kristo ribigira akaraha.  Uyo mwigeme bari baramuhevye ngo ni umusazi.  Ariko ubu yarakize neza ni nawe ahanura urundi rwaruka kandi agakora ibikorwa bitangaje mu buzima bgiwe bga minsi yose.

NSHIMIRIMANA Christa Bella afise imyaka y’amavuka 17gusa. Yafashwe n’ingwara yo mu mutwe kw’igenekerezo rya 01-01-2018 ku bunani, maze abavyeyi biwe basengera mw’ishengero rya pentecôte bamujana ku musengera ntivyashoboka bahitamwo kuja ku muvuza ibujumbura mubitaro vyabagwaye bo mu mutwe bita kuri CNPK canke kwa Legentil. Amazeyo amezi ane ariko aravurwa babonye yuko ata cahindutse barahava bahitamwo ku mwunguruza bamusubiza mu masengesho. Ariko kandi amagara yiwe yarushirijeho gusinzikara. Bamusubije I Gishubi mu ntara ya Gitega aho avuka, niho yahuriye n’Imana y’Ihanga Ryera. Atarahura n’Umwungere NINZIZA ELYSE, yakomeje gufata imiti no gusengerwa ariko ntiyigeze akira kuko nishure yahora yiga ntiyari kurishobora, yari yararihevye.

Bagenzi, imiti yo kwa muganga ni myiza mugabo si imfungurwa. Haraho ipfupfahaza kandi hari naho yunyura ivyahuha. Iyo miti bita ama NEUROLEPTIQUES yoyo ni ukuyitondera. Yamuteye ubundi bumuga kuko uwuhejeje kuyifata mw’ijoro aca asinzira maze bukarinda buca atikanguye hakagera no ku mugoroba n’ubundi atarikangura ku buryo atigera abona umurango naho bamuvyura ntibi kunde yuko yikangura. Na NSHIMIRIMANA Christa Bella niko vyamugendeye.

Ariko kuva mu kwezi kwa gatanu ahuye n’abakozi b’Imana y’Ihanga Ryera, Imana y’Uburundi bg’Isezerano, ibintu vyarahindutse. Abakozi b’Uhoraho bo mw’Ishengero rya YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA bamurambitseko ibiganza rimwe gusa bamusengera ibintu bica birahinduka. Yaciye akira neza, gushika ubu ni muzima. Nkuko twabivuze, ubu arasinzira neza kandi yaciye ahagarika imiti yose, akanarangura n’imirimo ya minsi yose nk’abandi. Umwami wacu Yesu Kristo ni yamamare hose kandi ahabwe icubahiro.

Muntu uri mu ntara ya Gitega no mu micungararo, ntiwemere yuko ukubagurwa n’ubushobozi bg’umwijima. Ntukundire ivyiyumviro bipfuye vy’amadini n’amashengero yinyegeza mu Mana ngo bikubuze ijuru. Twese twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo, kandi Yesu Kristo yaritanze ku musaraba kugira ngo ducungurwe, tuzohabge ubugingo budashira.

Ntiwitinye canke ngo utinye ubusa. Ntuhendwe canke ngo utinye amaso y’abantu. Harageze yuko widegemvya mu mubiri no mu Mpwemu. Ugomba ubufasha, twandikire tuguhuze n’umukozi w’Imana Nzima n’abandi benshi kugira ngo ubohoke, ukire kandi widegemvye. UMWAMI YESU KRISTO YAMAMARE.

Urafise ico ubaza: ihangaryimana@gmail.com canke +257 61404181.

4 commentaires sur “Umwungere NINZIZA ELYSE yarasizwe amavuta n’ijuru, Uhoraho amaukoresha ibitangaza.

  1. Nanje muransengera ndumva mfise munda Atari heza.n’umugongo wanje amaja epfo nguma ndushe cane.naho mutanzi munsegere.Imana yranyemereye KO izonkiza ndabimaranye igihe kirekire.ntagikorwa c’inguvu ngikora.umengo noguma nicaye naragiye kwipimisha amafyigo nta ndwara batoye.

    J’aime

  2. Nanje muransengera ndumva mfise munda Atari heza.n’umugongo wanje amaja epfo nguma ndushe cane.naho mutanzi munsegere.Imana yranyemereye KO izonkiza ndabimaranye igihe kirekire.ntagikorwa c’inguvu ngikora.umengo noguma nicaye naragiye kwipimisha amafyigo nta ndwara batoye.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.