
ABARUNDI TWAMENYE RYARI YUKO TURI IHANGA RYATORANIJWE N’IMANA?
Abarundi batanguye kumenya yuko batoranijwe ngo babe Ihanga ryejejwe mu mwaka wa 1935 aho umuvugabutumwa w’umuswedi yitwa URI yari yaje mu Burundi mu bikogwa vy’aba misiyonari. Uwo muvugabutumwa yaseruye muri uwo mwaka yuko yeretswe umuco ukoroka uvuye mw’ijuru ugakorokera mu gihugu c’Uburundi maze ugakwira isi yose. Ico gihe yerekwa ivyo ku Burundi, Abisirayeli ntibari bwanaronke igihugu bitirigwa mu makungu kuko bo baronse igihugu cabo kw’igenekerezo rya 14/5 (Rusama) 1945, aho uwitwa Dawidi Ben-Gurion yatangaza yuko hashinzwe igihugu ca Isirayeli. Leta ya Amerika yaciye ibishigikira.
Muri Myandagaromu mwaka 1968, mu gikorane ca Pentekoti cabereye I Mugara, habayemwo ubuvugishwa bwinshi buvuga yuko Abarundi ari ihanga ryatoranijwe. Ubwo buvugishwa bukanahamagara abantu kwihana, kwiyeza no kwintunganya bakoresheje kwisonzesha no gusenga cane. Inyuma yaho harabaye n’abandi bavugishwa b’Abarundi, abo mu bihugu bibanyi n’abazungu ba kure bavugishijwe kuri iryo sezerano.
VIII. Ingene isezerano ku Burundi ryamamaye.
Mu myaka yakurikiye ubwicanyi bwo mu 1972, impunzi iyo zahungiye zaciye zitangura gusenga cane kubera ibihe bigoye zarimwo gushika naho hatangura hururuka ubuvugishwa. Isezerano ku gihugu c’Uburundi ritangura kuvugishwako hirya no hino mu bahingiye muri Tanzaniya, Congo n’Urwanda. N’Abarundi basigaye mu gihugu bararose inzozi, barerekwa kandi baravugishwa ku vyerekeye umuvyuro n’ikanguro bizotangurira mu Burundi hanyuma bigakwira isi yose.
Kugira ngo Uhoraho Imana yerekane kandi yemeze umugambi wayo ku Barundi, yarakoresheje n’abanyamahanga baturuka mu bihugu bibanyi mbere no mu bihugu vya kure nka bulaya na Amerika.
Umuvugabutumwa Rehinard Bonnke yavutse kw’igenekerezo rya 19 Ntawaranye mu mwaka wa 1940 mu gihugu c’Ubudage mugabo akaba aba mu ntara ya Florida muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Rehinard Bonnke yasubiye kugira iyerekwa agira ati: “Mbonye umuriro ukoroka uvuye mw’ijuru urandagata Uburundi bwose hanyuma uca ukwira isi yose.” Aho yavuga ubushobozi bw’ikanguro bw’ururutse buva mw’ijuru.
Muri iyi myaka, abarundi benshi baba ababa mu gihugu cacu canke ababa mu mahanga bareretswe ivyerekeye isezerano ku gihugu cacu. Benshi beretswe ibidege bitagira abadereva biza bivuye kw’ijuru bigacucera ibisasu vy’umuriro ku gihugu c’Uburundi bihejeje bigaca birengera inyuma y’ibicu mw’ijuru.
Uretse ubuhanuzi buva ku bicaniro vy’Ihanga Ryera, hari abahanuzi b’Abarundi tuzi beretswe ibintu vyinshi ku gihugu: BEBA Gedeon, NIYONZIMA Alphonse, NTUNZWENIMANA Evelyne, BARAKAMFITIYE Jean Bosco, BARAKIKANA Petero,…
Ihanga Ryera ry’Imana rero ni abo Barundi bose n’abanyamahanga bitavye akamo k’ijuru. Ni abo bose bitavye umuhamagaro w’Imana wo kwihana n’ukwezwa kugira ngo bakoreshwe ibikorwa vyo kugororoka.
Tuzoguma tubashikiriza ivyo Mpwemu w’Imana ahishurira Ihanga Ryera ryose abicishije ku bicaniro n’abavugishwa batandukanye kugira ngo mugendere mu mu muco w’Ijambo ry’Imana [Zaburi 119:105] no kurongorwa Mpwemu Yera. [Abaroma 8:14]. UMWAMI YESU YAMAMARE!