
IJAMBO RYA PAPA FRANCIS YASHIKIRIJE MU NAMA
Umwungere wa Kiliziya Katolika Francis ku mazina yiwe yitwa Jorge Mario Bergoglio yavukiye mu gihugu ca Argentine kuwa 17 Kigarama (12) mu 1936 akaba ari umu PAPA agira 226 wa Kiliziya Katolika yi Roma. Yatorewe ayo mabanga kuwa 13 Ntwarante (3) mu mwaka 2013 aca yiyita izina rya Francis kugira ngo aheshe icubahiro Francisis wi Assisi. Yari yahawe amabanga y’ubukaridinali na Papa Yohani Pawulo wa II kuwa 21 Ruhuhuma (2) mu 2001. Yahishuriye amabanga ahambaye abitavye inama itegura yuko hoba idini rimwe gusa kw’isi yose. Yagite ati:
“Bavukanyi mu mbabarire kuku mvuga ururimi rw’igitaliyano. Nsimbgira abataliyano gusa kandi naho ntavuga icongereza mbgira bose kuko mvuga ikiri ku mutima. Mvugishije ukuri kandi mu ncamake, mvuga ibintu vyiza kandi vyiwanje kuko nshaka yuko mumenya amabanga nabitse imyaka n’imyaka muri jewe. Nisunga ingingo zibiri zoroshe gutahura. Dutegerezwa gufata Bibiliya nkankama kandi tukayisigura uko iri ataguca iruhande. Nkuko ijuru riri, wovyemera utovyemera, ukuri n’uko ijuru risa n’ubururu.
Ubu rero reka ndabasigurire neza usanga mutantahuye. Ibiriko birabera ngaha ni ubuvugishwa gusa. Tony Palmer aratahura ivyo ndiko ndavuga. Mu minsi ya vuba nasanze burya Bibiliya itomora neza ibintu vyose kandi ikabidomako ku gihe; ku bijanye n’uyu mu bonano wo kugira urunani rw’amahoro. Amahoro n’umutekano. Mugabo rero muvyo ukuri, Bibiliya ivuga yuko inyuma yaho hazoba kurimbuka giturumbuka. Giturumbuka kubera yuko tubayeho mu bihe vy’iherezo kandi natwe tukiberaho nkuko Yesu Kristo Yezu Kirisu) atariko aragaruka. Kandi ivyo nivyo Mpwemu Yera (Mutima Mweranda) avuga yuko turi akazuyazi tukanibaza yuko dukijijwe kandi atariko biri kuko turi impumyi, imburabgege, twambaye ubusa n’ibindi bene ivyo.
Muvyo ukuri ndafise umubabaro kubgo ibiriko biraba mbere no mu bugingo bganje jewe nyene, no mu kugamika amazosi no kudahanurwa kwacu. Kubg’ivyo muvyo ukuri imiryango yanyu ntiyategerezwa gukurikira jewe canke ngo babe bakimpanga amaso. Atar’uko mwebge n’imiryango yanyu izoguma mu buzimire ihereze gutabga mu muriro udahera. N’abana bakiri bato baransoma. Abavyeyi bategerezwa kubimenya gusumba abandi bose. Bategerezwa kubgirwa ukuri ku binyerekeye…kuko ni bibi cane…kandi birantera isoni kubibabgira mugabo ndafise umugambi wo mw’ibanga wo kubahenda nka basuka mu caha.
Bisa neza canke guhuza abantu kugira ngo habe idini rimwe gusa mw’isi yose. Kuko gutyo bose nca ndabifatira mu gipfunsi vyoroshe. Mwese mukansenga kandi mugukora gutyo muca muhabga ca kimenyetso ca ca gikoko. Ndibaza yuko mutakigomba. Inzira yonyene yo kugira ngo ntimuronke ico kimenyetso ni ukumenya Imana y’ukuri. Mukwiriye kwiga Bibiliya cane, na cane cane igitabo c’Ivyahishuriwe Yohana n’igitabo ca Danieli. Ivyo bitabo birerekana uko Imana iteye n’ingene ishengero ry’Imana rimeze; bikongera bigatomora neza ingene n’ishengero rya satani ryifashe. Iyo rero uzi neza ubudasa bg’ayo mashengero, ntishoboka yuko uhendwa ubona.
Haje umuntu akakubgira ngo ja muri ririya shengero kuko hariyo Mpwemu Yera (Mutima Mweranda) uca umubgira uti nzojayo nibaba bubaha ivyagezwe vy’Imana na cane cane ISABATO. Ni ukuvuga SAMEDI si DIMANCHE, mubifate neza. Uwo muntu niyakubaza ati ni ikihe kibi kirimwo mu kuja gusenga DIMANCHE? Akongerako ngo umunsi usengerako Imana ntaco utwaye ntube intagondwa nawe! Kandi bazobatwenga banabite intagondwa. Buzuye umwanda, ubube gito n’ubgiyorobetsi.
Tahura yuko abungere ba Kiliziya Katolika bahinduye ibgirizwa ry’Imana kera. Twakuyeho ibgirizwa rya kabiri ry’Imana, duhindura ibgirizwa rya kane twongera tugaburamwo kabiri ibgirizwa ry’icumi… bikaguma biboneka nkuko hakiri ya mabgirizwa cumi y’Imana akwiriye kandi atariko bikiri. Iryo ni ibanga twanyegeje kuva kera kandi abantu ntibigeze babica n’ikanda. Mwese mwarahenzwe kuko twarabasutse dukoresheje ako gatego k’uruyeri.
Ubu rero musenga ibigirwamana (mukazengana ibiheko ngo ni amashapule n’imidali) kandi mugasenga Mariya. Erega yarapfuye. Ubu ni igihe co guhagarika gukora ubupfu… Ibi ndabibabgira niyoroheje, ntihagire uwo bikomeretsa umutima. Mugabo rero ndi wa mugabo w’umunyavyaha avugwa muri Bibiliya. Kandi Bibiliya yita Kiliziya Katolika nyina w’abamalaya. Birateye agahinda ndabizi, n’ikindi kibabaje canke ni n’abaporoti benshi. Yesu Kristo (Yezu Kiisu) abita abahakanyi. Ijambo ry’Imana ribitq abana b’ibivyarwa vya malaya kuko igihe kiza bazosubira kwa nyina. Kandi twese hamwe tuzobikora.
Aho rero ni mwakire ikimenyetso ca ca gikoko, ico naco ni itegeko ryo gusenga Dimance (Ku munsi bita kuwa mungu, kuw’Imana,…)kandi abo bose bazohitamwo gusenga kw’isabato (SAMEDI) bazohigwa buhongo,bazohigwa nk’inyamaswa, bicwe nk’imbga zisara. Ndazi yuko ari ubunyamaswa. Mugabo numvira umubabaro w’abazohitamwo kuguma basenga DIMANCHE kuko bobo bazohigwa n’Uhoraho Imana. Mugabo mw’izuka rya kabiri niho muzoca utahura yuko mwabaye imburabgenge mugabo ataco mugikiza. Muzovuga ngo Mana ntavyo twamenye…Nayo izobushira iti mwategerezwa kubimenya kuko biratomoye neza mw’IJAMBO ryanje na cane cane mu Vyahishuriwe Yohana. Narabavuniye akagohe kenshi kandi narabarungikiye n’abavugabutumwa mugabo kuko amatwi yanyu abarya mwaranse kwumva.
Amatwi yanyu arabarya mu kwumviriza ubutumwa bg’abavugabutumwa batandukanye harimwo Joyce Mayer, Joel Osteen n’abandi benshi mukiyumvira yuko ubu-Kristu bganyu mwobufatanya no kuraba ayandi mareresi ari ku matelevision n’iyindi mihora itandukanye. Oya ntushobora kuba umu-Kristo ngo wongere utambikize kuko inzira zibiri zananiye infyisi. Ntawusaba abami babiri. Ushobora gusaba umwe gusa. Vuba muzotegerezwa guhitamwo kuko ikiguma canje kigomba gikire. Mutegerezwa kwiyambura ivyaha vyanyu mukihana. Nayo ahandi muzoba mutiteguye. Ubu ni igihe co kw’ikangura, ni muvyuke!
Murakoze!”
Imirongo ya Bibiliya yerekana ivyo yariko aravuga
- [Kuvayo 20, Gusubira muvyagezwe 5] Ivyagezwe icumi.
- [Daniel 7] ca gikoko
- [Ivyahishuriwe Yohana 13: 15-18] Iki menyetso ca ca gikoko (666)