
Urakwiriye kubatizwa mu mazi menshi kugira ngo uharirwe ivyaha vyawe?
Mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana uko tuvuga ubutumwa niko abantu bihana ku bginshi kandi niko n’abizera babatizwa bagasengerwa maze bagahabga Ingabire za Mpwemu Yera. Ibi nti tubivuga kugira twishire hejuru canke ngo twihe amanota kuko nta n’ico yotumarira; ahubgo tubivuga kugira ngo n’uwutazi yuko kubatizwa ari ngombga abimeneyereho. Turagomba yuko umwami n’Umukiza w’abantu bose Yesu Kristo, yamamara mu Barundi bose imbere yuko tuja kumumenyekanisha mu banyamahanga nk’uko yatwihishuriye.
Ni twashika mw’ijuru, Yesu Kristo ntazotubaza amazu n’amasengero twasize twubatse mw’isi. Ntazotubaza imiduga n’indege twari dutunze. Naho kugira itunga ari vyiza muri uyu mubiri, Yesu Kristo azotubaza intama twashikanye mu ruhongore kwa Data. Azotubaza kwerekana iminyago twashikuye mu vyara vya satani. Bene Data, ni muze dukorere Imana mu kuri no mu Mpwemu hakibona kuko ivyimburwa ni vyinshi mugabo abimbuzi ni bake. [Luka 10:2]
Hariho urusinziriza mu madini n’amashengero aho bigisha abantu ngo wizeye biba bikwiriye, abandi nabo ngo umubatizo ni umugenzo gusa. Tubabgiye tuti haba namba. Umu-Kristo ni umuntu yemeye kuba umwigishwa wa Yesu Kristo, uwemeye kugera ikirenge muca Yesu Kristo. Uwo Mwami wacu ntiyabatijwe akiri uruyoya canke ngo bamusuke amazi ku ruhanga gusa. Haba namba! Amaze gukura, kubgo ubushake bgiwe, ashobora kwihitiramwo ikibere niho yamanutse kuri Yorodani asangayo Yohana Umubatiza amubatiza amwibije mu mazi ya Yorodani. Iyo nzira natwe niyo dukurikira kandi ni nayo umu-Kristo wese yokurikira.
Yohana Umubatiza abonye Yesu Kristo aje ngo amubatize, yamubgiye ngo uraje nawe ngo ndakubatize ga Mwami wanje? Yongerako ati: Oyaye ahubgo ni wewe ukwiriye kumbatiza. Yesu Kristo yamwishushe ati: “Bikunde Yohana umbatize kugira ngo dushitse ukugororoka kwose” [Matayo 3:15] Natwe bavandimwe turakwiriye gushitsa ukugororoka kwose mu kubatizwa umubatizo w’ukuri mu mazi mw’Izina rya Yesu Kristo.
Uba umu-Kristo iyo honyene ubatijwe kuko umubatizo ugereranywa no kubabazwa, gupfa guhambga no kuzuranwa na Kristo Yesu. [Abaroma 6:3-5] Gusukwa amazi ku ruhanga ukiri akayoya ni ukwiyorohereza ataco bisa bisana n’ukwizera Yesu Kristo, gupfana nawe no kuzuranwa nawe. Kera mu gihe c’ihamwa, nti bigera barondera uwutabatijwe. Kuko utarabatizwa aba ataraba umu-Kristo. N’ubu uba umu-Kristo iyo wabatijwe.
N’uyu munsi Imana iraza ikatubgira ngo muvuga yuko mu gihugu iwanyu aba-Kristo muri 90%. Muribeshera kuko ntabo ntabahari. Bagenzi turakwiriye kugaba muvyo twizera. Abantu barakwiriye gusuzuma yuko bahagaze nkuko Ijambo rya ndiho rivuga atari mu vyizerwa vy’amadini. Ibanga n’uko benshi bavuga ngo abavyeyi babajanye kw’ibatisimu bakiri abana. Birya bakoze si ibatisimu Uhoraho Imana yemera kanatsinda nta naho iri muri Bibiliya Yera. Urashobora gusengera akayoya mugabo ntushobora kukabatiza. Muntu bakubgiye ngo waronse ibitisimu ukiri umwana, bikunde uvyarwe ubgakabiri kugira ngo ushitse ukugororoka kwose. Yesu yabgiye umunyabgenge NIKODEMU yuko atawoja mw’ijuru atavyawe n’amazi na Mpwemu. [Yohana 3:3-5] Ukwo kuri nti mukwirengagize ngo mwizingirire mu vyiyumviro n’imigirwa vy’amadini. Ahubgo nyabuna kurikira ico ijambo ry’Imana rivuga. IVYANDITSWE VYERA.
Urakwiriye kw’ihana no kubatizwa mu mazi menshi mw’Izina rya Yesu Kristo kugira ngo uharirwe ivyaha vyawe kandi muhabge ingabira za Mpwemu Yera. [Ivyakozwe n’Intumwa 2:38 na 19:4-6]
Ivyo udatahura siguza Mpwemu Yera. Dusenga Imana yumva kandi yishura. Iravuga bagenzi. Usanga aho usengera Imana itavuga, iyo si Imana musenga mwarazimiye. Usanga aho winjirira barazibije Imana, aho ukwiriye kuhasohoka kuko mugendera mu mwijima kuko ahatagira ihishurirwa hari uguhona. [ Imigani 29:19, na Abaroma 8:14] Twese turakeneye umukiza.
Aho uherereye hose kw’isi urashobora kuronka uwo mubatizo wo mu mazi no muri Mpwemu. Igihe ni iki nyene. Uko ungana kwoze uvyishakiye birashoboka yuko ubatizwa. Ntukundire satani yuko aguteza ukwisuzugura canke ukwishira hejuru ngo ibi na biriya urabirengeye nkuko vyama vyabaye kuri bamwe. Uko uri kwose naho uri hose Yesu Kristo ariteguye ku kwakira. Ibihe tugira twinjiremwo ni ibihe bigoye cane. Harageze yuko umuntu wese atunganya n’Uhoraho Imana kugira ngo ibihe biza bizomusange atunganiye Imana kandi yiteguye mw’izina rya Yesu Kristo, Amen!
Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com canke kuri +257 61404181 canke +251 940846357 canke +256 794849808.