Ijisho ry’umuhanuzi: Abarundi bakomeza kwicwa umwumwe ku buryo bu babaje.

Uwo mwana w’umukobga yishwe aboshe ikiziga ciwe bagiterera mw’ibarabara mu Kamenge muri Twinyoni kurya 15 nomero 10.
Umurundi Patrick Abdul Kwizera yiciwe muri Kenya kuwa 15/08/ uyu mwaka.
Umurwi witwaje ibirwanisho waraye uteye mu ntara ya Rumonge muri komine Bugarama usiga wishe abanyagihugu 9

Baba abo bateye canke abasirikare ba leta bari buze kugwa muri ukwo gutana mu mitwe, bose ni abana b’igihugu c’Uburundi bazoba bariko baricwa.

Abantu 12 nabo baramaze kwicwa n’inzara mu bateshejwe izabo batwawe muri site yo kumubone kubera amazi yabateye mu Gatumba.

Igikorwa co gufasha abarundi bagowe bariko baricwa n’inzara nticategerezwa kuba ica leta gusa. Umurundi wese aho ari haba mu gihugu canke mu mahanga yategerezwa ku bashikako na cane cane abasinzikaye. Leta nayo yokwitayeho mwene abo bantu kuruta abandi.