
IHANGA RYERA RY’IMANA RIRATUMIYE ABAKRISTO BOSE GUTONDA URUGAMBA.
Igihugu cacu c’Uburundi nti kizoguma ari ikirikimbiro ry’abadayimoni, abantu benshi bicwa abandi bahunga uko imyaka ikurakuranwa. Harageze yuko umu-Kristo wese ahaguruka tugatonda urugamba rw’abera. Hari ibibi vyinshi bikorwa n’abantu kuva hasi gushika hejuru. Aba-Kristo twahawe ubushobozi bgo guhindura ibintu, ntitwokwihanganira kuguma tureze amaboko. Dufise ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo twahawe n’Uhoraho. [Luka 10:19]
Mw’ihanga ry’Abarundi hakorerwa ibibi vyinshi vyasesereje imitima y’Abarundi na cane cane kubera abarozi, abanyamareba n’abanyamangetengete. Uhoraho Imana yavuze ngo muri twebge ntibakabemwo abapfumu, abarozi n’amanyamareba. [Gusubiramuvyagezwe 18:10]
Kuko tugiye guhagurukira ububeshi n’irementanya, akarenganyo, ugukumirana, urwanko, ubusuma, ibiturire, ibusambanyi n’ubgicanyi n’ibindi bibi bikorerwa mu gihugu no mw’ishengero. Twebwe Ishengero rya Kristo Yesu-Ihanga Ryera ry’Imana rigasaye mu gihugu no mu mahanga, Uhoraho Imana yadutoranirije ikadiha Isezerano ry’intahava, twategetswe na Mpwemu w’Imana kugwanya ubgo bubisha duhereye ku barozi n’ubukorikori.
Abo bayakibi bica abantu benshi abandi bakabasukamwo impwemu zibakubagura. Barabangamiye abana bato n’abavyeyi bibungenze. Batuma ibibi bitandukanye bishikira abantu kandi barabangamiye aba-Kristo. Abo nibo bakwegera umuvumo igihugu cacu mugutanga ibimazi vy’amaraso y’Abarundi, igihugu kikama mu marira n’amaganya. [Guharura 23:23]
Mu barundi abarozi barabaye ivyigenze. N’abajanywe mu yandi mahanga ya kure barabutekeye ubu bararogana. Abo barozi basigaye baja mu masengero gusenga bakitwa ngo ni aba-Krito. Basigaye barinjiye mu mashengero bakishushanya n’abakozi b’Imana: abasenzi, abaririmvyi, abavugishwa, abavugabutumwa n’abungere. Ntawvyihanganira! Tugiye gusenga abatazokwihana bapfe. Nimwabona hariho abapfuye impfu z’amayobera muzomenye yuko ingabo zo mw’ijuru ziri ku gikorwa kubera twatonze urugamba.
ABAROZI N’ABANYAMAREBA NI BANDE?
– Ni abo bose bakoresha amareba bakaraguza, bakabandwa, bagaterekera, bagatanga ishano kandi bica abantu abandi bakabatera ingwara.
– Ni abo bose bakoresha amangetengete aho bari hose n’abo bari bose maze bakarogesha ibitega, amahembe, amageza n’amajini aribo badayimoni.
-Ni abo bose bakoresha ubushobozi bg’umwijima bakaguruka ku ntaro, abakonikoni, abapfumu, ba kamenyi, abakoresha ubudago n’ibindi.
-Ni abo bose baroga, baja i kuzimu, bakoresha amazi, amavuta n’impeta. Abo sose bakoresha za kabushutu, za mayimuna, za karashika n’izindi mpwemu zica n’izitera ingwara mu bantu.
URUTONDE TUZOKURIKIZA TWESE
Tuzohora dusenga iminsi ya gatanu y’iyinga canke iya gatandatu y’isabato. [VENDREDI, FRIDAY]. Tuzokoresha amasengesho y’inkomezi mw’izina rya Yesu Kristo [Yohana 14:13], ukwatuza no gutegesha akanwa kacu [Abaroma 6:1-23], no gufata mpiri ubushobozi bga satani mw’Ihanga ry’Abarundi. [Luka 10:19] Kandi tuzohora dusenga turaba kandi dutunga intoke igihugu cacu gatatu ku munsi nkuko umuhanuzi Danieyeli yabigenza. [Daniyeli 6:10]
– Abera b’Imana bari mu bihugu vya Australia, Ubuhindi, Ubushinwa n’ahandi muri Asiya bazovyukirako ku masaha ya sa kumi na zibiri z’agatondo y’iwabo basambuza ubushobozi bg’amangetengete buteshwe agaciro.
– Abera bari mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi, abari mu bindi bihugu vya Afrika na Bulaya, bazohora bahera sa kumi na zibiri z’agatondo mu masaha yo mu Burundi, basambuza ububasha bg’abarozi n’abapfumu.
-Abera bari mu bihugu vya Amerika na Canada bose bazokwama basenga guhera isaha cumi na zibiri z’agatondo batunga urutoke kugira ngo amasengesho yabo aturire ubushobozi bg’abanyamareba.
Uhoraho Imana yatubariye yuko muribo uwutazikwihana azoca apfa abantu bose barorera. [Kuvayo 12:23]
Mu Burundi dufise Imana nti dufise ikigirwama. Imana yacu yitwa Uhoraho, Imana y’ubushobozi Nyeningabo, Yesu Kristo, Messiya uwanesheje rupfu na kuzimu. Dutegerezwa kunesha ubushobozi bg’umwijima mw’Izina rya Yesu Kristo.
Ikibarirwa ni cumva kandi icerekwa ni ikibona, UMWAMI YESY KRISTO YAMAMARE!