Mwirinde abasuma n’abambuzi binyegeza muvy’Imana ngo banza ukore iki canke utange iki.

Aba-Kristo barakwiriye kumenya ijambo ry’Imana bakareka kwibishwa urwenge n’abagizi ba nabi. Hariho abiyita abaherezin n;abalewi mu vyumba vy’amasengesho n’amashengero amwe amwe agisibije. hariho n’imirwi ya whatsaps nayo yagiye mu rudadanzwa kwo kwiba abantu babicishije mw’ijambo ry’Imana. Kugira ngo bagusengere baguhenda ngo Imana ivuze ngo, ngo Mpwemu Yera avuze ngo. Bagaca bakwaka amahera canke bakakubgira ivyo ugura kugira ngo ubohoke. Menye yuko ari abasuma n’abambuzi abo.

Yesu yavuze ati » Mukize abagwaye,muzure abapfuye,, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa mubitangire ubundi » Matayo 10:8.

2 commentaires sur “Mwirinde abasuma n’abambuzi binyegeza muvy’Imana ngo banza ukore iki canke utange iki.

Les commentaires sont fermés.