
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUBOHOZA ABABOSHWEHanga ry’Imana namwe mwe mwizera Umwami Yesu kuba Umukiza wanyu, twama duhamagarira abantu bose kwizera Yesu Kristo, kw’ihana ivyaha, kubatizwa n’ukwezwa. Murazi yuko dufise urutonde rwo gutuza abarozi mu gihugu cacu c’Uburundi no mw’ihanga ryacu ry’Abarundi. Iminsi y’agatanu y’imivyizi (Vendredi-Friday) muri aya mezi abiri y’uyu mwaka wa 2020 yahariwe ico gikorwa c’iteka.Ubu twahawe urutonde rwo kubohoza ababoshwe mu mitima no mu mubiri kubera ubushobozi bg’umwijima. Uretse yuko hariho abantu babohewe mu mabohero yubatswe n’amaboko y’abantu bamwe bazira ivyaha bakoze abandi bazira ubusa, hariho n’amasinzi y’abantu babohewe mu ngo n’imiryango yabo, ababoshwe n’amacakubiri n’urwanko, ababoshwe n’imigambge n’imihari, n’ababohewe mu madini, amashengero n’ivyumba bita ngo n’ivyo amasengesho. Hariho abandi bantu benshi babohewe mu mibiri yabo, mu mitima n’ivyiyumviro vyabo kuko icaha ariryo bohero ryambere rituma umuntu afatwa mpiri akanajanwa mu mabohero aboneshwa n’amaso y’umubiri. Kubera yuko twahawe ubushobozi, tugiye kubohoza iyo mirwi y’ababoshwe yose tudondaguye. Intumwa z’Imana ziriko zirasenga, isi iranyiganyiga, amatanguriro y’amabohero akanyiganyiga, inzugi zikuguruka n’iminyororo ikadohoka [Ivyakozwe n’intumwa 16:26]Amasengesho y’abera atuma Uhoraho Imana arungika abamarayika baja mu mabohero atandukanye kuja kubohoza abizera bose bakidegemvya mu mpwemu no mu mubiri. Turakeneye twese guhaguruka nk’ishengero rya Yesu Kristo ryose aho riri mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga kw’isi yose tugasengera ababoshwe mu mubiri no mu mpwemu kugira ngo Uhoraho Imana atabare Ihanga ry’Abarundi, abizera bose bidegemvye. [Ivyakozwen’intumwa 12:1-19]URUTONDEKw’igenekerezo rya 11/09/2020 hazoba ari kur’uyu wa gatanu w’imivyizi (Vendredi-Friday) tuzoba turiko turasambuza bga bushobozi bg’abarozi, dusanganguza amangetengete mu gihugu cacu no mw’Ihanga ryose. Tuzobohoza:(1) ababoshwe mu mubiri, (2) ababoshwe n’ubumuga n’ingwara, (3) ababoshwe n’inkomezi z’umwijima z’uburozi, (4) ababoshwe n’ivyaha bitandukanye, (5) ababoshwe n’ubukene, (6) ababoshwe n’impwemu y’intatsi n’agatunduzi.(7) Ababoshwe n’amahembe, ibitega, amageza,abakinzi… Abantu bose aho baherereye bazotangura gusengera abari muri ayo mabohero yose kuva isaha icenda zijoro. Ni ukwibuka kuvyuka ugapfukama, ugatazira Uhoraho Imana ukoresheje indirimbo n’amajambo yawe ufise mu mutima ugaheza ugasenga. Mu gusenga ntituvuga amajambo yo muri rusangi atagira akamaro. Dusenga dutomora kandi tudomako neza tubgira Imana ico dushaka yuko ikora.1. Dusenga ngo abarozi n’abanyamangetengetse bahinduke bihane canke Uhoraho Imana y’Ubushobozi ibarandure mw’Ihanga ryacu ry’Abarundi.2. Dusenga tuvuga amazina y’abapfunzwe n’aho bapfungiwe tuvuga amazina y’amabohero barimwo naho bari hose.3. Dusenga tuvuga amazina y’abarozi, abapfumu, abicanyi, abatanga ibimazi n’abanyamareba n’abanyamangetengete bose kuko turabazi n’aho baba tubereka Imana kandi tuyereka n’igihugu cacu.4. Dusenga tuvuga ibibi abarozi, abicanyi n’izindi nkozi z’ikibi ziriko zirakorera Abarundi, abari mu gihugu n’abari mu mahanga kugira ngo Imana igire ico ikoze.5. Dusenga tubgira Imana ngo ibohore igihugu cacu n’Ihanga yirobanuriye ngo rimukorere mu kwamamaza umuvyuro n’ikangu mu gihugu cacu no mu mahanga kw’isi yose.6. Dusengera abanyengabire bose ngo bakorere Uhoraho Imana mu kuri no mu Mpwemu, ata buryarya n’ubgiyorobetsi, ata busuma no gukunda amafaranga n’ivyubahiro; kugira ngo bahabge kandi bongerwe inkomezi zo gusenga no kwamamaza izina rya Yesu Kristo.Yesu Kristo yatubgiye ngo tuzomenya ukuri, ukuri nakwo kuzoca kuduha ukwidegemvya. [Yohana 8:32] Igihe co kumenya UKURI ni iki cageze.Ukeneye ubufasha bo kwihana, kubatizwa, gusigurirwa inzozi n’ibindi vyinshi, n’utwakure canke utwandikire kuri +1 605 400 5580, +256 794 849808 canke +257 61404181. Umwami Yesu abahezagire.
Izina ry’Imana rihabww icubahiro, ndabashimira cane kubikorwa vy’Imana muriko murakora biciye kuri runo rubuga, Uhoraho arushirize kubaha imbaraga, hama nagomba nsabe ko mwoduha numero wathsapp nimba hobaho groupe mukadufasha kuyijamwo kuko mubo tumaze kuganira baratahura ububutumwa ariko kenshi bikabagora kwinjira ngaha kuri site y’Ihanga ryera. Mfise ico Imana yambwiye muri 2011 sinaribwo ndabamenye ariko actuellement ndashima ko nabamenye, mfise vyinshi nipfuza gufashwa kugira mbandanye umurimo wa Data neza. Mwarahezagiwe.
J’aimeJ’aime
+257 61404181 canke +19144483650
J’aimeJ’aime
https://chat.whatsapp.com/LCapBNqlOT7Hx3Mnzhg1MP
J’aimeJ’aime
Iyo ni (lien) ikiraro co kwinjira muri groupe. Uhe n’abandi
J’aimeJ’aime