
INTAHE Y’UMWIGEME ROSE NSAVYIMANA
Hariho abantu benshi kubera imvugo zitandukanye n’ingene bafata ibintu vyo mw’isi y’impwemu; usaga bahakana yuko i kuzimu hatabaho. Benshi twibaza yuko ari uko badasoma Bibiliya ngo bayitahuzwe, abandi yuko bafise impwemu yo guhakana ivyo batazi vyose no kugarariza muri kamere kabo. Bibiliya iratubgira yuko i kuzimu hariho nk’uko mw’ijuru canke kw’isi hariho. [Luka 16:23-26, Matayo 11:23, Matayo 16:18, Ivyahishuriwe Yohana 6:8]Mw’Ishengero rya Yesu Kristo riri mu gihugu cacu c’Uburundi no muyandi mahanga, dufise intahe nyinshi z’abatwawe i kuzimu mu bgami bga satani. Bamwe batwawe na Mpwemu w’Imana bajanywe kwerekwa amagorwa n’amaganya imbohe zaho zigowe, abandi batwaweyo kubera ubuzimire no kutamenya maze bakababarizwayo. Hariya si ahantu ho kugendera.Ishengero rya Yesu Kristo ryarahagurukiye satani n’ivyitso vyiwe: abarozi, abanyamangatengete, abapfumu, abanyamareba, abadayimini abapfumu n’abandi kandi duhindura ubusa inkomezi za satani. Tugomvye kubashingira intahe ntimworonka aho muzikwiza. Reka tubashikirize imwe mu ntahe nyinshi y’umwigeme yagiye i kuzimu mu bgami bga satani akagaruka. Uko vyamugendeye n’ingene yahuye n’abakozi b’Imana bo mw’Ishengero rya Yesu Kristo bakamubohoza kubgo amasengesho.NSAVYIMANA Rose n’umwana w’umwigeme w’imyaka 21 yajanywe i kuzimu yigishwa ivyo intambara ya satani, bamugirira ivyamfurambi, bamwigisha ibiteye isoni agarukanywe hano kw’isi acika umuntu adasanzwe, arononekara gushika ahuye n’abakozi b’Imana. Avuka mu ntara ya Bujumbura i MUTAMBU, umusozi bubanza n’agacimbiri kinonko. Ni umwana umwe mu bana 10 bose bavuka kuri BIZIMANA Daniel na NTIRAMPEBA Spes. Uyu munsi ni umu-Kristo akijijwe abandanya amashure yiwe kandi asenga. Avuga yuko yatoye akenge ariko arasengengwa atamenye uko vyagenze. Yari asinziriye hanyuma arikangura aja hanze mw’ijoro haca haza umugabo yambaye ibihuzu vyirabura amufata ukuboko kw’ibibamfu aca amubgira ati barakuntumye. Yamujanye aho ikuzimu kuva 11/05/ agaruka 21/06 mu mwaka wa 2018. Hiyo Kwa satani yigishijwe vyinshi, akoreshwa vyinshi hiyo nyene no ngaha kw’isi dutuyeko. Kugira ngo umenye ivyo vyose bakorera mu kuzima ni intahe ica kuri Radio Isezerano Internationale.Ico umuntu wese yo menya n’uko kubitaro vyose hama hariho abadayimoni barindiriye uwuri ku mpfiro acikana ngo bamutware. Ahabereye amasanganya, ahabera intambara hose bama batonze kugira ngo batware kwa satani abantu bose batariko uburinzi bg’amaraso ya Yesu Kristo. Twese turakwiriye kwihana, tukabatizwa tukezwa kugira ngo twandikishe amazina yacu mu gitabo c’ubugingo. Umwe wese yosaba uburinzi bg’ijuru.Umwe mu bungere bo mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana ryo ku MUGARURO mu gisagara ca BUJUMBURA aratanga umuco ku ntahe ya Rose NSAVYIMANA, uko vyagenze.-Yashitse ku Mugaruro gute?-Yashitse ku Mugaruro biciye kuri umwe mu bakozi b’Imana bo ku Mugaruro yaganiriye n’umuyobozi w’ishure Rose NSAVYIMANA yigako n’umuryango wiwe.-Mu kuja i kuzimu yinjirira hehe?-Mukuja ikuzimu yinjiriye mw’isōko bavomamwo ry’iwabo. -Umubiri wiwe wasigaye aho nyene?-Umubiri wiwe waba uri muhira bamubona nk’ikiyingiyingi kuko ntiyavuga nta n’ico yakora, hakagera n’ikindi gihe bakamutwara kumukoresha mu mpwemu no mu mubiri.-Bamukoresha iki?-Ico gihe bamutwara kumukoresha ni igihe yagenda gutera amashengero, kwica abana n’abakuze no gutwara ibiziga aho hose yagenda ari mu mpwemu no mu mubiri.-Kwica abantu, gute?-Harimwo abo bica ari bazima n’abandi baba ari abapfuye nibo baca baja kumena imitwe kugira babakoremwo ubgonko bgo gukora amavuta na poudre cane cane inzoya. -Poudre bisiga ziva mu bantu bapfuye?Ego, poudre zirya bita fond de teint (zirya poudre usanga ziri mu tugopo tw’imizingi ducapuyeko abakobga n’amazina yabo kandi ziratukura).-Ikindi abantu biki gihe bomenya ku batwarwa i kuzimu ni ikihe?1. Hari abatangwako ikimazi kuberako ata burinzi baba bafise muri bo ico ba bakorako cose kirababako. [Uburunzi ni ukwizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza kandi ukabandanira kugororoka.]2. Hari abitwarayo kubera yuko bashaka ivyagusa nk’ubutunzi, ubgiza, icubahiri, ububasha , ukwamamara n’ibindi… Ni abadashaka kubira icuya kugira babeho, bumvise ngo hariho inzira yo kuronka itunga ryihuse baca birukayo.3. Hari n’abandi baba batazi Imana canke bigumiye mu vya kera batigeze bahinduka, abadayimoni bakabasumira bakabatwara nk’inyagano za satani kubakoresha ico bashaka.-Umuntu yokora iki kugira ngo ntagwe muri uwo mutego?-Ico abantu bokora kugira ngo ntibashikirwe n’ivyo gutwarwa i kuzimu ni uko bokizwa, bakihana ivyaha kandi bakihanira kureka. Botandukana n’ivyo abasogokuruza babo baterekereye, bakama barondera ukwezwa no gutunganywa niho bazoba bafise urukingo arirwo « Yesu Kristo ». Hanyuma bamaze guhitamwo bagaca baja gusangangura za bayali z’iwabo zose mu kubabgira ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo.-None abari mu ngoyi za Satani mwobabgira iki ubu?-Turabatumiriye mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga ry’Imana ryo ku MUGARURO mu Gisagara ca BUJUMBURA. Mwese abananiwe, abafise ibibazo, ababoshwe n’abadayimoni, abafise indwara zibananije muze kuko hariho amaraso ya Yesu Kristo abohora, akingira abantu, ibintu n’imiryango. Barundi, barundikazi mwese, muri mwebge ntihakabeho uwubayeho akubagurwa n’inkomezi za satani, abarozi, amagetengete n’amareba. Yesu Kristo yaratsinze rupfu na kuzimu hamwe yazukana impfunguzo. [IVYAHISHURIWE YOHANA 1:18] Kandi yaraduhaye ububasha butangaje. [LUKA 10:19] Urashaka gufashwa canke urafise ico ubaza? Twandikire canke utwakure kuri ihangaryimana@gmail.com canke +257 61404181 canke uvugane n’abakozi b’Imana muzi yuko bahawe ibanga ry’ijuru kuri ya mihora y’Ihanga Ryera.