











Mu gihugu cacu kirimwo impwemu y’ubgicanyi yaciziziye haheze imyaka n’iyindi. Kera yariyorobeka ni naco catumye Abarundi bu bakira ku mva arizo binogo rusangi imyaka 50 ikaba igomba irangire. Ubu hoho ya mpwemu yo gusesa amaraso yaromoye kandi ikorera ku mugaragaro. Abantu ata soni n’umutimabgenge baritangaza yuko bishe kandiko bategura kwica abantu riva kandi bakabinezerererwa, abandi bagasasira bakanaterera ubutunzi bgabo ngo bahekure igihugu.
Izo mbonerakure muvuga yuko mwishe ukamengo n’ibihori mwakeye s’abana b’Uburundi! Izo za mujeri mwihaya ngo mwishe s’abana b’igihugu! Imbere y’ububisha nkubgo, y’amashirahamwe yiyita société civile na droits de l’homme abona uruhande rumwe nka yambga inyegeza amaso mu gihuru ikibaza yuko batayibona. Bamwe bari muri ya migambge, ya madini na ya mashengero baranyegeye benshi muribo bakokeza mu bandi.
Aba-Kristo b’ukuri nibo bakwiriye guhaguruka ukuri bakakuvuga uko kuri atagutinya kandi bagasemerera. Barakwiriye ku nyeguruka, basokoroke bahagararire ico Uhoraho Imana yavuze ku gihugu kandi baje mu gihengeri.
Umwami Yesu Kristo ni atabare igihugu c’Uburundi, Amen!