Umutekano mu Burundi: Ubu ni ca gihe umu-Kristo wese akwiriye kwegera Imana agasaba uburinzi kuri we, ku miryango no ku gihugu

Urugaga rw’abakunda Uburundi bahagurutse basenga ngo umugambi w’Imana uranguke ku gihugu.
Ibirwanisho bicira umuriro n’ibikoreshwa mu kwica abantu babakereye bikomezwa gufatwa.
Urwaruka gwikekwa gukorana n’imigwi yitwaje ibirwanisho rukomeza gufatwa.
Abari mu migwi yitwaje ibigwanisho binjiye mu gihugu bakomeza kwica, kwicwa no gufatwa mpiri
Abari mu migwi yitwaje ibigwanisho bafatiwe mu gihugu ca Congo bagashikirizwa leta y’uburundi.
Umugore yishe umugabo wiwe amukereye ariko arahunga agafatirwa i Makamba
Ifoto y’umugabo yishwe akerewe n’uyo mugore wiwe.
Ivyo vyose bikaba mu gihe umugwi washinzwe gushira ukuri ahabona no kurekuriranira uguma ufurura amasinzi y’ibinogo rusangi bahamvyemwo ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abantu.

Mu gihugu cacu kirimwo impwemu y’ubgicanyi yaciziziye haheze imyaka n’iyindi. Kera yariyorobeka ni naco catumye Abarundi bu bakira ku mva arizo binogo rusangi imyaka 50 ikaba igomba irangire. Ubu hoho ya mpwemu yo gusesa amaraso yaromoye kandi ikorera ku mugaragaro. Abantu ata soni n’umutimabgenge baritangaza yuko bishe kandiko bategura kwica abantu riva kandi bakabinezerererwa, abandi bagasasira bakanaterera ubutunzi bgabo ngo bahekure igihugu.

Izo mbonerakure muvuga yuko mwishe ukamengo n’ibihori mwakeye s’abana b’Uburundi! Izo za mujeri mwihaya ngo mwishe s’abana b’igihugu! Imbere y’ububisha nkubgo, y’amashirahamwe yiyita société civile na droits de l’homme abona uruhande rumwe nka yambga inyegeza amaso mu gihuru ikibaza yuko batayibona. Bamwe bari muri ya migambge, ya madini na ya mashengero baranyegeye benshi muribo bakokeza mu bandi.

Aba-Kristo b’ukuri nibo bakwiriye guhaguruka ukuri bakakuvuga uko kuri atagutinya kandi bagasemerera. Barakwiriye ku nyeguruka, basokoroke bahagararire ico Uhoraho Imana yavuze ku gihugu kandi baje mu gihengeri.

Umwami Yesu Kristo ni atabare igihugu c’Uburundi, Amen!