
ISEZERANO IMANA YAHAYE IHANGA RY’ABARUNDI N’INYIFATO IBEREYE
Barundi Barundikazi, bantu mwezse mwama mudutega amatwi, twama tubabashikiriza vyinshi Uhoraho Imana aguma ahishura abicishije mu basavyi bayo b’abavugabutumwa, abahanuzi, abavugishwa, aberekwa n’abarota inzozi. Tubikora kugira ngo Ihanga Ryera ry’Imana rigendere mu muco. Kera Ihanga rya Isirayeli riri mu rugendo, ryarongorwa n’Uhoraho Imana we nyene ari mu nkingi y’igicu. Ihagaze baca bagandagaza aho nyene bagashinga amahema yabo. Ihagurutse nabo baca bahaguruka bagakurikira. N’ukuvuga yuko bama bareretse iyo nkingi y’ihicu yari ireruye Uhoraho Imana. Iyo nkingi y’igicu nyene niyo yababera ubgugamo bg’izuba ryo mu bugaragwa ku murango, ikanababera igishirira c’umuriro mw’ijoro bakama bagenda ahabona. Hari akababakiye, Mose umurongozi yahora aja mw’Ihema ry’Ibonaniro agasiguza Uhoraho Imana.
Natwe uyu munsi, nk’Ihanga Ryera ry’Imana tugendana n’Uhoraho Imana kuko Yesu Kristo atubereye Umwami n’Umukiza waco. Muri we niho turonkera Mpwemu Yera aturongora akanadusigurire neza ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera. Ibgirizwa shingiro ritugenga ni Bibiliya Yera kuva kw’itanguriro gushika kuvyahishuwe. Kugendana n’Imana bisaba ukwihana ivyaha vyose, Ukwezwa, ukubatizwa mw’izina rya Yesu Kristo n’ukwuzuzwa Mpwemu Yera. Ni muze mwese tugendane n’Uhoraho Imana kugira ngo ntihagire abazohera mu bugaragwa. Ubu tugira dutsimbatare mu Burundi bushasha bg’Isezerano kugira ngo dufashe ayandi mahanga gutegura urugendo rugana isiyoni yo mw’ijuru.
Hanga Ryera ry’ Imana namwe mwese Barundi barundikazi n’abanyamahanga mukurikirana ibiganiro vyacu kuri Radio Isezerano International, iradiyo y’Ihanga ry’Imana; har’ico mubaza canke hari ubufasha murashobora kutandikira kuri ihangaryimana@gmail.com Abari mu gihugu cacu c’Uburundi mwotwakura canke mukadusigira ubutumwa kuri WhatsApp 257 61404181. Abari mu mahanga muri Afrika mwodutora kuri ‘251 94 084 6357 canke kuri ‘256 794 849808. Abari muri Aziya, Ubulaya, Canada na Amerika mwodusanga kuri 1 (605) 400-5580 Ubuntu bg’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo busage imitima yanyu mwese.