INTAHE Y’UWAKURIYE I KUZIMU AGARUTSE ATORWA N’ABAPOLISI KU KABURI.

“Hariho inzira nyinshi abantu batandukanye bakoresha mu kuja mw’isi y’umwijima. Benshi baza gutorwa n’abadayimoni babasanze munzu iwabo bakababgira bati dukurikire. Ushobora kuba uryamye usinziriye, uri mwitiro uriko urarota canke uri maso bariko baravuga iduwa n’ikorowani canke ku bushake bgawe ukaja mu kaburi, kw’isoko ry’amazi, mw’ibenga, mu kiyaga canke mu Nyanja akaba ariho umanukira mu kuzimu kwa satani.Hariho ibintu benshi bakoresha mu guhamagara izo mpwemu zihumanye. Kenshi bacana ama udi, ama bougies, bakoresha amagi y’ibikoko, udukoni tw’amangetengete, ibitambara vyera canke vyirabura n’utundi tugenegene bahabga na satani bikababera urufunguruzo rwo gushikayo.Ntihagire Umuntu numwe azoguhenda ngo ubuzima buherera ku rupfu. Ahubgo ku rupfu niho hatangurira umuruho ku banyavyaha hagaca hatangura isabato y’ukuri ku bagororotsi. Mw’isi ya satani ntamuco ubayo, ababayo baguma mu mwijima w’ikizime. Nta mazi abayo kandi nta bindi binyobga biriyo atari ibiziba bikarata. Abariyo batunzwe n’amaraso y’abantu bapfira mu vyaha. Aho i kuzimu nta vyamwa bibayo , nta binyantete, nta mboga, nta mafi kandi nta nyama z’ibitungwa zibayo; abariyo batunzwe n’inyama z’abantu bapfa bapfira mu vyaha hamwe n’abatwarwayo.Umuntu agwaye ari umunyavyaha, abadayimoni baguma barindiriye yuko yoremba ngo acikane bamunyarukane kubabazwa. Ku maziko bajanye umuntu kukaburi nta munyavyaha ahamara umunsi, abadayimini barara bamutwaye kwa satani kubabazwa, kuribga, kunyobga amaraso muri ico gihugu c’umwijima. Naho worara urasenga gute usengera uwapfuye uba uriko uriruhiriza ubusa kuko amasengesho umusengera n’impfagusa.Imva z’abakristo zozo ziboneka zirinzwe n’umuriro ku buryo abadayimoni batazegera imyaka yose. Umuntu yarabatijwe mu mazi mw’izina rya Yesu Kristo naho yosubira inyuma mu vyaha, satani arashobora ku mutwara kubera yakoze ivyaha mugabo nti bashobora kumurya inyama canke ngo banywe amaraso yiwe. Ico amumaza ni ukumwica rubi, akababazwa iminsi yose, bamushinyagurira kandi bakamukoresha ibihe vyose ataruhuka. Ico Nico gihano abitwa abakozi b’Imana n’abiyita abakirisu mugabo badahagaze neza mugakiza bahabga. Umuntu ahisemwo gukorera Imana yikwihana, akitunganya, yogororoka nayo ahandi aba arindiriye ibihano bibi cane.Ikuzimu hariyo inzoya zirirwa zirabagwa akanya kose kubera ama miliyoni y’inda z’abana b’ibitwarire zirirwa zirakorogwa hirya no hino kw’isi. Abantu birigwa barapfa mu bitaro bitandukanye hirya no hino. Abatwawe nkimpfungwa birirwa barabaga inzoya, babaga n’abakuze b’abagabo, abagore, inkumi n’abasore mu kubareza amaraso yabo, mu kwotsa inyama zabo no kumena uduhanga kugira ngo babakuremwo ubgonko. Ivyo nivyo twakora cane.Ubgonko bukorwamwo ibintu vyinshi hariya. Ubgo badakozemwo ama boulettes yo kurya, babukoramwo amasabune, amavuta na poudre baza kugurisha kw’isi y’abazima. Abantu birigwa b’aratanga ibimazi vy’abantu kwa satani mu kubica bagasesa amaraso yabo, mu kubakerera, mu kubarasa, no mu kubateza ingwara zitwara ubuzima bgabo kugira ngo babe indya z’abari hariya. Usanga hariyo ubgoko bgose. Abirabura, abazungu, abarabu n’abanyaziya hagwiriyemwo abashinwa.Abatwara abantu benshi i kuzimu ni abari mw’idini rya isilamu. Abashehe bakorana na satani cane kuko Muhamedi afise ibiro binini i kuzimu kandi umunsi w’irayidi n’iwo munsi uzwi cane yuko batangirako ibimazi vy’abantu benshi. Biratangaje ingene iryo dini ry’abakorana na satani ataco ryinona mu gihugu ahubgo babashira mu masengesho y’igihugu.Abagore, abana, abagabo n’uwariwe wese aricwa ata kinya mbere kenshi harakoreshwa n’impanuka z’indege, ubgato, i traini, imodoka, amapikipiki, amakinga n’abagendesha amaguru. Abo bose bicwa vyabanje gutegurwa neza, ibakorera ikuzimu baba batonze kugira ngo bace batwara izo mbagwa zabo i kuzimu. Hariho n’imiduga itwara abantu igendeshwa n’abashoferi bategerezwa gutanga indya hariye mu kwica abantu. Ni nkuko hari n’ibidandazwa vyinshi biva ikuzimu bikazanwa mu ma mangazini menshi hano kw’isi. Ivyo bitungishije abantu benshi mu batanga ibimazi ikuzimu kwa satani. Abakorana n’ikuzimu hano kw’isi benshi turabazi guhera kuri data amvyara n’abandi benshi.”Iyo ni intahe y’umwana aturuka mu Rumonge, yabonye ingene se akereye nyina agapfa kuko yaramutanze ikuzimu. Uyo mwana yarafise imyaka 10 akaba yiga mu mwaka wa kabiri w’amashure y’intango. Uwo mugabo yahavuye arungika mwana wiwe w’impfura akiri muzima aja gukurira i kuzimu. Abantu atazi binjiye munzu yugaye batuguruye bamujana kwibuye riri kuri Tanganyika mu Rumonge aho abarovyi baja guhamurira imiti. Bakoze amareba, Tanganyika ica iriyugura baca bamanuka ikuzimu nk’abamanuka ku ngazi. Ashitseyo yasanzeyo nyina aramuhamagara mugabo aranka kumwitaba. Amazeyo iminsi, yarabonye na se mu masaha yijoro mugabo biraka yuko amuhamagara. Hiyo nyene satani yaramukase inyama kukuguru arayirya n’ubu afise inkovu iteye ubgoba, hiyo nyene baramutobaguye mu mugongo bamuvomamwo amaraso yo kunywa banamuteramwo imiti.Yasanze ubuhinga bgose bukoreshwa kw’isi bginshi bgavuye harira kwa satani. Yavuyeyo bariko barakina umukino w’intambara, kubera amasengesho y’abera umuntu atazi yagiye ku mugobotora mu vyara vya satani. Ashitse kw’isi abapolisi bamusanze ku kaburi aboheweamaboko I mugongo, amaze imyaka myinshi atoga, umushatsi warihinze kubera kutimosha, kutoga no kudasokoza. Abo bajejwe umutekano bamujanye mu cumba c’abasenzi kandi bose baramumenye naho avuka.Kubera kumarayo imyaka myinshi, benshi usanga imishatsi yaritsivye, amenyo yaraboze, umubiri wuzuye ubuhoma, impuzu zaramuboreyeko. Abagarutse batogwa mu mva bariko iminyorororo canke mu dushamba turi hafi y’inzuzi n’ibiyaga kuko aho abadayimoni binjirira gutora abapfuye ni naho basohokera guta ababohewe n’amasengesho y’abera.Ikintu conyene gishobora gukiza umuntu uwariwe wese n’aho ari hose, ni ukwizera Yesu Kristo kuba umwami n’umukiza wiwe, ukwihana ivyaha n’ukwezwa, kubatizwa mw’izina rya Yesu Kristo, kwuzuzwa Mpwemu Yera, gusenga no kugendera mu kuri. Ngiyo nzira yo gushirwako ikidodo c’uburinzi mu bihe vyose. Twebge nk’ishengero rya Yesu Kristo tukaba Ihanga ry’Imana, tuzohora dusenga dusambuza ubushobozi bga satani kuko amasengesho atuma umuriro umanuka kubohoza ababoshwe.Ni muze mwese aba-Kristo duhaguruke kuko igihe ni iki. Tubohoze abana b’igihugu bajanyweko inyagano tubagarukane kw’isi y’abazima. Kandi tuvuge ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo bubohora ababoshwe kugira ngo abatariko uburinzi badomweko ikimenyetso.-Uragomba kumenya inzira y’ukuri y’agakiza?-Uragomba kwihana n’ukwezwa?-Uragomba kubatizwa mw’izina rya Yesu Kristo?-Uragomba gusengerwa ngo wuzuzwe Mpwemu Yera?-Uragomba gukorera Uhoraho Imana?Twandikire kuri ihangaryimana@gmail canke wegere umukozi w’Imana wo mw’Ihanga Ryera ry’imana ari hafi, canke wandike kuri +257 61404181, +257 794 849808, +251 940846357, +1 604 400 5580.Umwami Yesu Kristo yamamare.