UMUTUMIRO WO KWIFATANYA N’ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RY’IMANA MU GIHUGU CA UGANDA

Umwungere w’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana mu gihugu ca Uganda Pasteur PENDO Elie aratumira abantu bose bumva ururimi rw’ikirundi, ikinyarwanda, ikiganda, I lingala, igifaransa n’icongereza kuja kwifatanya n’ihanga Ryera ry’Imana mu masengesho. Inyuma y’igihe gito giheze inzugi z’amashengero zugaye ubu zaruguruwe bamaze indwi zibiri zuguruye.

Umwami Yesu Kristo akomeza kwiyerekana mu gukiza abagwaye, kubohora ababoshwe no kwugurura imigisha y’abatari bake satani yari yaranyaze. Intakebga zibonye ibitangaza zimwe zivuga ngo tubahe amahera namwe mutuhe Mpwemu Yera. Mpwemu w’Imana yasutswe ku buntu ku bari n’umubiri bose. Ico umuntu akeneye gukora ni ukwizera, ukwihana, ukwiyeza kubatizwa mw’izina rya Yesu Kristo no gusengerwa gusa. [Ivyakozwenintumwa 2:17]

Hariho abandi babona ibikorwa bihambaye Mpwemu Yera akora bakabishira kuri satani ngo bakorana n’aba FREEMASONRY. Ni bateshwe bate, bareke gushira ibikorwa vy’Imana kuri satani. Wa munsi nta nkindi kimugenza atari ukwiba ukwica no kwonona. [Yohana 10:10-29.]

Bantu muri mu gisagara ca Kampala no mu nkambi I Nakivale, Nti mugendane ivyaha mu mitima yanyu, nti mugendane ingwara mu mibiri yanyu kandi ntimugakubagurwe n’impwemu zihumanye. Umukiza Yesu Kristo yabarungikiye ubutabazi. Kuri iyo foto murabona iminsi n’amasaha y’amasengesho. Ni utwandikire kugira ngo wifatanye n’ihanga ryose mu munezero. Umwami Yesu Kristo yamamare!

Un commentaire sur “UMUTUMIRO WO KWIFATANYA N’ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RY’IMANA MU GIHUGU CA UGANDA

Les commentaires sont fermés.