Abavugishwa BARAKAMFITIYE Jean Bosco na MUREBWAYIRE Marie Esther boba bari muvya politike baravuye muvyo Imana canke!

IVYIYUMVIRO VY’ABAKURIKIRANA UBUHANUZI BGA BARAKAMFITIYE JEAN BOSCO Kubera abatsitajwe n’ivyo BARAKANFITIYE Jean Bosco yavugiye ku rubuga rwiwe, abantu benshi bagize amakenga bashishikirije kuko bamwe bibaza yuko yamaze kuvangirwa abandi nabo bakavuga y’uko uwo yoba yafashwe n’agashavu kubona atazi y’uko hariho Ihanga Ryera ry’Imana rikora ku mugaragaro kandi ryamaze guhabga urutonde n’ijuru rikaba rikora ijoro n’umurango mukwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, kubatiza no gushikana abantu benshi ku kugororoka gushitse. Ayo majambo ya BARAKAMFITIYE Jean Bosco asanzwe azwi nk’umuvugishwa, akaba atari ubuvugishwa ahubgo ari imyidogo yiwe yavuye ku masengesho bavuga y’uko yatumiwe n’uwundi muhanuzi yitwa Marie Esther MUREBGAYIRE. Benshi bati uyo munyarwandakazi w’umunyamulengezi atumira gute amasengesho y’Ihanga ry’Abarundi.!!!📷Intumbero yacu si iyo gucira urubanza umukozi w’Imana Jean Bosco BARAKAMFITIYE ngo yaravangiwe canke ngo Uhoraho Imana ntiyamuhishuriye urutonde yahaye Ihanga Ryera riza riri ku mirimo. Kandi intumbero y’indi s’iyo kuvuga kuri uwo mutumiro umuvugishwa Marie Esther Murebgayire yoba yaratumiye naho tugira tuti ivyerekeye isezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi, abo banyamahanga ni bareke kuryisukamwo kuko si iryabo.Muri benshi batwandikiye umwe yagize ati:[Shalom Bakozi b’Imana, nizere ko mur’amahoro aho muherereye, hama nkuko mwatanze numéros zanyu ndetse mukanadusaba gusiguza ikintu cose tubonye kiduteye amakenga canke kitadusobanukiye kubijanye n’inyigisho canke amatangazo atangwa kw’ihanga ry’Abarundi, nagira ndabamenyeshe ko nkunze gukurikirana cane inyigisho zanyu zihamagarira Abarundi bose kwihana, kwezwa mugutunganya ubugingo, ibikorwa muriko murakora biratunezereza cane kuko biherekejwe nukuri kw’ijambo ry’Imana. Ivyo abanyamadini benshi badashobora gukora kuko bazimije mpwemu year. Haruhande y’ivyo muherutse gutuma ko amasengesho yabaye kw’igenekerezo rya 10/10/2020 benshi twaritavye ico gikorwa c’iteka, munyuma zaho gato tarabonye uyundi murwi usohora irindi tangazo uvuga ko hari urundi rutonde rushasha rw’amasengesho Imana yatumye ko bakavuga ko iyindi migwi yose yavugishijwe kw’ihanga ry’Abarundi ko arivyo yiyitirira ngo nta kuri kurimwo!!Munyuma zaho namwe mwahavuye musohora irindi tangazo aho mwiyamiriza abo bantu mwongera mugabisha abantu kudakora ayo amasengesho canke ngo bahirahire ngo batange amafoto yabo kuko vyagaragaye harimwo umutego. Ako kamo twarakumvise ndetse turagakurikiza ariko kandi hari ibintu vyinshi twumva bikatuzazanira cane k’ubijanye n’amasezerano kw’ihanga ry’abarundi ari nayo mpamvu mwari mukwiye gufasha abantu batarakomera mu mpwemu kugirango bamenye neza ico bakwiye gufata nico boreka.Hari Umukozi w’Imana azwi cane mu Burundi, n’Umuhanuzi canke umu prophète akurikiranwa n’abenshi mu Burundi yitwa J.Bosco Barakamfitiye, nawe yaragize ico ashikiriza k’ubijanye n’amasengesho mwatumye ko kuva le 10 eka ndetse naya matangazo abiri agerutse gusohoka n’ukuvuga rirya ryasohowe n’aba baherutse gutuma ko arya masengesho yabo mashasha. Rero Prophète J.Bosco Barakamfitiye yaragize ico abivuga ko, uvyumvirije rero ur’umuntu mutwo mu mpwemu hari bintu vyinshi bigoye gutahura narirya Ijambo ry’Imana ritubwira ko ivy’Imana bikwiye kwitonderwa mugihe kandi abavugishijwe kuvy’Uburundi usanga harimwo abantu bavuguruzanya ariko dusomye Bibliya abavugishwa nka bose bo murico gitabo ntaho bigeze bavuguruzanya ahubwo barunganiranira. Usomye nkivyo Yesaya yanditse usanga bisa nivyo Yeremiya yavugishijwe. Ivyo Yeremiya yavugishijwe usanga arivyo Ezechiel yavugishijwe kandi bose bakoreshwa kw’ihanga rimwe rya Israël. Jewe maze kwumva ivyo bintu nshimye guca inbox kugirango nshikirize iciyumviro canje mu rupfasoni nk’umukozi w’Imana nongera nsobanuza kuvyo ntatahura. Jewe n’ukuri ndashima cane ibikorwa Imana iriko irabakoresha kugirango imitima myinshi itabagwe kandi ndemezwa muri jewe ko mufise uburongozi bwa Mpwemu Yera bubafasha gukora ivyo bikorwa. Nashaka rero ndabasabe mugire ico mushikirije kuvy’ashikirijwe n’uyo mwene Data J.Bosco Barakamfitiye har’umugenzi yabindungikiye nshimye kubibaha inBox kugirango muvyumvirize hama mugire ico mufashije Ihanga ry’Imana abakiri bato muvy’impwemu bashobore gutahura, murakoze cane.Hari UMUKURAMBERE yishuye BARAKAMFITIYE Jean Bosco ati:Yesu ashimwe mukozi w’Imana BARAKAMFITIYE Jean Bosco nakurikiye ama audios watanze yose. Nasanze mu bisanzwe ufise ukuri mugabo ntugufise kwose. Na cane cane iyo wumva yuko wewe ari wewe gusa utumwa kw’ihanga rya Barundi nkuko biseruka mu mvugo zawe. Ngo abatanze numero zo gufashwa ngo botegerezwa kukubgira aho ubasanga! Bahamagare barakwitaba bakubgire aho bariko barakorera imirimo. Nibaza yuko woba uri mu kutamenya canke yuko woba warafashwe n’impwemu y’ubuzimire yo kwishira hejuru. Iyo nayo yogukwegera akarambaraye utihanye.Ugomba kumeya abungere b’Ihanga Ry’Imana aho bari, bahamagare, bakubgire aho bari bakubgire n’urutonde bariko barakorerako maze ubabone urabe n’uko basa ureke guhushagirika wibaza ibibazo utera urujijo mu bantu. Birirwa barasemerera mu gihugu no mu mahanga, birirwa barigisha ku maradiyo no ku mboneshakure, birirwa barihanisha abantu babatunganya kandi bababatiza mu maso yawe. Reka kwihuma amaso kandi hariho abantu benshi warukwiriye guha umuco w’ibikorwa biboneka kandi bigaragara mu gihugu no mu mahanga.Mukozi w’Imana, ba ureka kwigenza nk’abanamadini. Ba witondera ivyo ivuga kuko warabaye umuvugishwa canke umugende w’ubutumwa bg’Imana bg’imburi ku Barundi. Ntuca wigira kabizi kuko Imana ikoresha abantu benshi mubo uzi n’abo utazi. Kandi burya uciye bugufi womenya vyinshi ku masezerano y’Uburundi gusumba ivyo uzi. Wewe utaravuka amasezerano yariho kandi yaravugwa, abakurambere bayabariwe baracariho kandi bakiyateramiye mugacerere. Burya wewe uhabga uduce, udupande duto cane kuvyo twahawe. Ni vyiza yuko wahawe kuyasemerera mugabo indogoba ntica iruta uwuyigenderako.Mukozi w’Imana BARAKAMFITIYE Jean Bosco, abantu bkwumvise bavuga yuko ivyo ubabarira kw’ihanga ngo rizoja ahabona isezerano ryashitse, bibaza yuko hari vyinshi bigusoba. Kugira ngo utahure fatira akarorero kw’Uhanga rya Isirayeli:1. Ihanga rya Isirayeli ntiryabaye ihanga kuva rishitse i kanani. Ryari risanzwe ririho.2. Ihanga rya Isirayeli ntiryiswe ihanga kuva Imana ihamagaye Mose. Ryariho imbere yaho.3. Ihanga rya isirayeli nti ryiswe ihanga kuva Farawo iricuze bufuni na buhoro. Ryariho imbere yaho.4. Imbere y’ivyo bihe vyose ryariho kandi bari biyizi kandi bafise iminco n’imigenzo bisangije. Bari bafise isezerano naho bari mu magorwa. N’uyu munsi Ihanga Ryera ry’Imana rirahari ririyizi, riratunganijwe, rifise urutonde rw’isezerano Imana yarihaye, uretse utwo tugwi tw’abanciyaha wadondaguye muri ayo ma audio y’imyikomo yawe.Mwana wa Data, ntusamazwe n’ubuhanuzi wahawe ngo wibaze yuko imbere yawe atawundi. Usanga ukiri ku rutsinga, subira imbere y’Imana uce bugufi uheze usiguze iguhishurire ivyo Ihanga ryayo riri ku mirimo yo gutegura umugeni wa Kristo Yesu, kugirango ureke gusukiranya ibintu. Ntumere nka ba bayuda bakirindiriye MESIYA n’uyu munsi.Ni waja imbere y’Uhoraho Imana, uzogaruka umenya yuko urutonde Uhoraho yamaze kurushiraho kandi yuko abo yitonanuriye bari kukivi. Ivyo vyogusukiranya ivyo Imana n’ivya politike, ivyo vyokwita abakozi b’Uhoraho Imana utugwitugwi, no gupfa amajambo uvuze mu ma audio yawe bizoca bihera. N’uko Umwami Yesu Kristo agutahuze] (Twakosoye udukosa muri ubu butumwa bg’uyu mukambge yishuye BARAKAMFIYIYE)Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese mwatewe amakenga n’abo bashikiriza amatangazo n’ama audios y’urusobe, mugire gutahura yuko satani atahandi akorera atari mu bantu. Igihe cose muzobona umuntu avuga abandI nabi aho kuvangura ukuri ngo agutandukanye n’ikinyoma, muzomenye yuko uyo muntu ari mu kutamenya canke yuko hamwe yoba atariwe avyigirisha wa murwanizi ashobora kuba yamusumiye kuko ntawe agera umutwe. N’uko