Imburi kw’Ihanga ry’abarundi yerekeye amanama y’ubgoko (Abahutu n’abatutsi): Ibikorerwa mu mpisho Uhoraho Imana arabigaragaje.

IMBURI IBURIRA IHANGA RY’ABAUNDI BIYITIRIRA UBGOKO (ABAHUTU N’ABATUTSI) YO KUWA 15-10-2020.

Iyi mburi ni hishurirwa ry’amabanga akomeye y’inama z’urutavanako zikorerwa mu gihugu hagati no mu mahanga. Izo nama zikorerwa mu kinyegero n’abigize imboneza z’abahutu co kimwe n’abigize imboneza z’abatutsi.

I.             IMBURI KU BACIYITIRIRA AMOKO

Uhoraho Imana yahishuye yuko hariko harakorwa amanama y’urutavanako mu kinyegero y’abahutu n’ayo guhonya abatutsi. Ayo Manama amwe akorerwa mu mahoteli yinyegeje, ayandi mu bubare bgiziziwe n’amoko aho banywera.

Hariho n’ayandi Manama abera mu mihana cane cane ruguru iwabo iyo baja kwinyegeza. Bamwe baduga bagenda bipakije mu miduga mw’ibanga, abanda bakagenda n’imiduga yabo nk’abagiye kuramukanya kandi bagiye mu Manama y’ubgicanyi bufatiye kubgoko. Si mu gihugu c’Uburundi gusa, n’abari hanze y’igihugu mu mahanga nabo nyene babikora uko. Abahutu bagakora amanama, n’abatutsi bagakora ayandi. Uhoraho Imana, mwese arabitegereza aho ari mw’ijuru agatangazwa n’ompwemu y’ububisha yafashe abahutu n’abatutsi.

Uhoraho Imana agize ati:

1.            Mumenye neza yuko intwaro z’amokoko y’abatutsi nayo abahutu zose zashizwe kw’iherezo.

2.            Icabitumye n’uko mwahumanije ahera hanje mukahakorera ibizira vy’amanama yo kwica benewanyungo mubahoye ubgoko.

3.            Intwaro z’abatutsi n’intwaro z’abahutu zose zinyegeje ahera hanje mu rusengero barahahumanya bose. Biyambitse insato z’intama kandi ari amabngira n’imfyisi.

4.            Abo bose bagiye barakurakuranwa ku butegetsi n’ibisigarira vyabo bagiye baruzuruza baruzuriza igikombe benewabo basigaje.

5.            Iyo ntwaro mubona ni iya CIHABUGABO mugebo wewe n’abuzure biwe bazogwa muri izo nama zabo. Kandi nabo batutsi birirwa mu manama yo kwica abahutu nabo bose nzoyabatsindamwo.

6.            Ni jewe Uhoraho Imana nirahiye yuko birangiye”

II.            IMBURI KU BAKRISTO BASENGA

Uhoraho Imana yashize ku mugaragaro abakozi b’Imana n’aba-Kristo biyorobeka mw’ishengero ry’Imana yuko bose bagiye kuranduka batihanye. Uyu munsi indyadya n’abagaraeiji baraja murusengero rw’Imana bakigira bakigira intama kandi ari amabingira n’infyisi. Nibo batituye igitinyiro n’agaciro k’Imana mukubagaririra icaha bakanagihishirira. Uhoraho Imana arongeye kwirahira yuko atazoziguriza abo bose basesereje umutima w’Imana bagasubira kubamba Yesu Kristo ahibonekeza ubugira kabiri, mukugira ati:

1.            Umuntu wese ukiza ahera hanje gusenga, naho mwahahumanaije, ugifise urwo rufatiro rw’ubuhutu n’ubututsi, nkuko narahiye ntuzokira inkota y’uwutikiza.

2.            Bamwe muzogwa muri izo ngoro mwiyubakiye kuko nanje nzohahumanya rwose ndahahumanishe imivyimba yanyu, niy’abana banyu, niy’abagore banyu niy’abuzukuru banyu.

3.            Enda rero ni muhereko murire kandi mwimoshe kuko atawuzogandarira uwundi.

4.            Ehe inkota yanje yitwa RUBURAKIGONGWE irururutse ikuwe mu rwubati rwayo. Izokubita no ku mpera y’isi igusokore mu bandi nkuko umurovyi asokora ifi ayidugishije igera ryayifashe mu mibangabanga.

5.            Nico gituma amabanga yanyu n’imigabo yanyu nzokwama ndabigaragaza ndabishire ahabona.

6.            Kandi obo bose muzigako imfashanyo muzopfana nabo mujane n’ibigwanisho vyabo.”

Nimba mufise amatwi ni mwumve kuko ntacanyegejwe kitazoshirwa ahabona, erega ntaryavuzwe n’Uhoraho rizoherera mu rutendeko. Ncuti z’umusaraba, Jewe ndashikirije ico Uhoraho Imana yahishuwe. Abafise akanwa ni musemerere kandi abafise ubgenge mumenye y’uko iki ari ca gihe co kwihana, kwiyeza no kwandikisha amazina yanyu mu gitabo c’ubugingo. Ni ca gihe umuntu wese ategerezwa kurongorwa na Mpwemu Yera Amen!

Vyahishuriwe Umwungere akaba n’Umuvugishwa Alphonse NIYONZIMA.