Amakuru avugwa cane mu gihugu cacu c’uburundi.

Ugusomwa kw’urubanza n’ibihano baciriwe abishe umukuru w’Igihugu c’Uburundi Melchior Ndadaye n’amasinzi y’Abarundi yaciye agandagurwa.

Petero Buyoya, Ndayidaba Celestin, Nahigombeye Anicet, Niyonkuru Laurent, Gunungu Gabriel , Simbanduku Pascal, Nzosaba Juvenal, Sinarinzi Mamert, Nurunziza Alfred, Daradangwa Jean Bosco, Cishahayo Gerard, Kadege Marie Alphonse, Rukingama Luc, Bararunyeretse Libere, Mukasi Charles na Girukwigomba Astere bagiriwe n’icaha co kwica umukuru w’igihugu n’amasinzi y’Abarundi baca barigwa umunyororo wo guherayo.

Umubonano hagati y’abashikirangaji b’Uburundi n’Urwanda.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga yuko yazindutse ari kumwe n’umutambukanyi wiwe ngo baja kuramutsa igiti co mw’ishamba kigenzi cabo. Vyayobeye abantu!
Umushingamateka Manasse Nzobonimpa yashimiye ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda

Yavize ati: “

UBUTUMWA BWO GUKEZA RETA Y’UBURUNDI NA RETA Y’URWANDA.

Kuri uno musi igenekerezo rya 20/Gitugutu/2020,twumvise ko ku mupaka wa NEMBA habaye ibiganiro vya mbere mu mateka y’ibi bihugu vyacu vy’Uburundi n’Urwanda kugira ingorane ziri hagati yavyo zitorerwe inyishu mu mahoro n’umutekano kugira abaturage b’Urwanda n’abenegihugu b’Uburundi basubire kugenderanira nkuko vyamye kuva kera cane,mbere bishobotse ama reta y’Uburundi n’Urwanda basubire gufashanya narirya ingorane ivyo bihugu vyacu bifise nyinshi usanga zisa.

Ku bitwerekeye nk’umurundi akunda ibi bihugu,turakeje cane ama reta y’Uburundi n’Urwanda ku ciyumviro gihambaye c’ubuvandimwe kugira imigenderanire isubire uko yamye kuva kera.
Abarundi n’abanyarwanda n’abavukanyi,mu bavukanyi ingorane ntizibura ariko inzira ya mbere n’ukuzitorera umuti mu mahoro no mu bwumvikane.
Ikintu dushimye gusumba ibindi,n’uko ibi bihugu vyacu vyiyemeje gutorera inyishu ibibazo bifise bitarinze kurondera abahuza na kare bohava bavangavanga ibintu kandi abarundi n’abanyarwanda barishoboye.

Mu kurangiza,naho ntajejwe guhanura ama reta y’Urwanda n’Uburundi,uwuzonshikirira aya ma reta yacu uko ari abiri,azoyansabire kugendera akaranga k’abami b’ibi bihugu,aho muri kahise bigeze gusezerana ko ata bwami bw’Uburundi canke ubwami bw’Urwanda buzongera gutera ubundi,bishobotse mbere ngasaba abazontangira ubu butumwa,ko hambavu yo kumvikana kuzoherekezwa niyi mibonano,ko boraba bishobotse bakaraba ko ka gasozi abami bacu bo hambere bise MUTWICARABAMI, konagurwa,bikunze hakubakwa ingoro y’ayo mateka ya ba sogokuruza,igihe cose habaye utubazo hagati y’ibi bihugu vyacu,ama reta yacu hakaba ariho bicara mu gutorera inyishu ingorane zoba zadutse,na kare abo bami b’ico gihe nta bahuza barinze gutora kandi gushika nubu ayo masezerano yo mu TWICARABAMI ntarahonyangwa ngo hagire igihugu gitera ikindi.

Imana Data wo mw’ijuru ahangaze kandi yongere amurikire ama reta y’Uburundi n’Urwanda.”

Hon. Manassé NZOBONIMPA