Intahe y’umubiligi yandikiranira na Melchior Ndadaye mu buto bwiwe.

Mu gihe twibuka imyaka 27 irangiye Prezida Melchior Ndadaye agandaguwe, nshimye gusubira kubasangiza intahe y’uwamumenye mu buto bwiwe. Umubiligi Michel Elias amenyesha ko yamenye Melchior Ndadaye mu myaka ya za 70 bahuriye mu Rwanda iyo yari yarahungiye. Mu bamuvyina canke mu bamuvuma, eka n’abatanguye kumwiyitirira ubu vuba kugira bamugire ikirwanisho ca politike, ni benshi baza gutangara basomye amakete Ndadaye yanditse akiri muto. Iyi ntahe imaze imyaka indwi : Michel Elias yayikoze muri gitugutu 2013.

Icambere umuntu ashoka abona ni ukuntu Ndadaye yaciye ubwenge hakiri kare cane. Usomye amakete yiwe ukumviriza n’ivyiyumviro vyiwe, wumvamwo umuntu yari yarasomye ibitabo vyinshi kandi yakurikirana ama politike yari mw’isi. Uyu musi si benshi ku myaka yiwe boshobora kwandika ivyo yandika.

Ica kabiri gitangaje ni ingene Ndadaye yashishwa n’abo yita les « hutistes ». Muri ayo makete asigura ko hutisme ari ivyiyumviro vy’imburakimazi zishaka gukwegera igihugu mu kwubaka intwaro y’igihutu. Naho yari mu buhungiro, ntiyigeze afata ko ingorane z’Uburundi zubakiye ku bahutu n’abatutsi, we yabona ko hariho akagwi gato k’abahutu n’abatutsi bifise  » les bourgeois » bashaka gucinyiza igifyo c’abahutu n’abatutsi ba nyarucari, bamwe bose bagahenda abo basangiye ubwoko ngo bariko barabagwanira. Ndadaye ntiyishimikiza ubwoko, ahubwo yagendera mu vyiyumviro vyari bikomeye mu gihe ciwe bita « marxisme ». Abagendera ku vyiyumviro vy’ubuhutu gusa akoresha amajambo akomeye cane mu kwerekana ko ataco bamaze « des profiteurs ridicules, tout autant idiots les uns que les autres » canke « des fascistes qui manipulent la bombe tribale ».

Ica gatatu gitangaje ni urugero yariko rwo kwanka intwaro za Kayibanda na Habyalimana mu Rwanda kandi ariyo yahungiye. Izo ntwaro naho zari iz’abahutu yabona ko ataho zitaniye n’intwaro z’abasirikare b’abatutsi zari i Burundi. Bose yabagiriza ko bakoresha aka mwana wa mama, ko buzuye amacakubiri y’amoko n’intara, kandi ko ataco bamariye umunyagihugu mutoya.

Ikintu gitangaje cane kuri Ndadaye akiri muto ni ukuntu yatahura ibibazo vy’agateka ka zina muntu mu myaka bitari bwakomere nkuko tubivuga mu gihe c’ubu. Umubiligi Michel Elias avuga ko Ndadaye yamusavye mu 1981 ko yomufasha gutanguza ikinyamakuru « Icabona » cari kijejwe gushira ahabona ukugene ubutegetsi bw’ico gihe bwariko burahungabanya agateka ka muntu. Aho twobibutsa ko mu 1991 naho Melchior Ndadaye yabaye mu bashinze ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka muntu. Aho ntawokwibagira ijambo Ndadaye yashikirije umusi yimikwa kuba umukuru w’igihugu aho yashimitse rwose ku bijanye n’agateka ka muntu (tuzobigarukako ejo). Ibihe vyiwe vyose vyaranzwe no kugwanira iteka ry’umuntu.

Naho abivuga mu gifaransa, reka nshire mu kirundi agace gato k’ikete Melchior Ndadaye yanditse muri gitugutu 1977 aho yariko avuga uko yabona abatwara Urwanda muri ico gihe :
« Iyo ndavye hano hafi yanje abiyita incabwenge, mbona abantu b’imburakamizi barajwe ishinga n’amaronko gusa bakantera akagongwe. Michel, hano hadutse ingwara bita Kuronka Induruburi, bisigura guca amahera. Abantu bose bari mw’ihiganwa ryo kurondera ifaranga hasi hejuru. Ahantu hose ububare buriko bumera nk’ibizinu. Abandi bariko bahiganwa mu kwubaka amazu yo gukotesha ku bazungu bakora hano, ku mashirahamwe mpuzamakungu no kuri za ambassades ; ayo mazu bayubaka mu mahera basahura mu bigega vya Leta canke muvyo bita politike y’ingurane. Aho rero simvuze ibijanye n’ukurya ibiturire biriko biregereza urugero rwo mu gihugu kibanyi ca Zaïre (Congo y’ubu). Nta mukobwa akironka akazi atabanje kuryamana n’abakuru. Bamwe mu bagenduzi basigaye babatazira  » Monsieur 10.000″ kubera atawuronka akazi atabanje kubapfumbatisha igiturire c’ibihumbi cumi (hafi imiliyoni zibiri z’amarundi y’uno musi). » Womengo ariko avuga Uburundi bw’ubu.

Melchior Ndadaye yinjiye muri politike akiri muto cane ku buryo yarongoye umugambwe wa mbere arengeje gato imyaka 20 y’amavuka. Inyuma y’imyaka icumi yamaze mu buhungiro yahavuye atahuka i Burundi mu 1983, haciye imyaka icumi ahungutse aca aba umukuru w’igihugu. Abansi biwe ntibamuhaye akanya ko gushira mu ngiro ivyiyumviro vyiwe kuko yagandaguwe amaze amezi atatu gusa ku butegetsi.