
Ubuhanuzi buva mu bavugishwa b’Ihanga Ryera ry’Imana burabura yuko Uhoraho Imana agira adushitseko ivyo yadusezeraniye.
Amasezerano agiye gushika ku gihugu c’Uburundi aho amarira n’amaganya agiye kuba mu kanya gato hanyuma hakaza ibihe vy’impore ku barundi bose, amadini adahagaze mu gakiza asambuke, abahagaze ku moko y’abahutu n’abatutsi babure inzira kuko Uhoraho Imana aje kwimika abo yitoranirije.
Harageze yuko ca kimenyetso ca nyuma gishika. Tugira twambukire mu Burundi bushasha bg’isezerano, Amen!