Ibimenyetso vy’ibihe
Umwungere mukuru wa Ekleziya katolika PAPA FRANCIS yashize ahabona yuko abasangiye ibitsina bashobore kurongorana. Papa Francis yatanguye avuga ngo jewe ndiki kugira ncire urubanza abagabo bahuza ibitsina, n’abagore barongorana. Uyu munsi hoho yabivuze avyeruye ngo ni babahe uburenganzira bgo kwabirana. Ubu ni ca gihe c’umugararizo cahishuwe camaze gushika. Mwebge mukiyoboka KATOLIKA mumenye yuko mwamaze kuva mu nzira yo gusenga Uhoraho Imana.
Muzirikane kandi yuko ari ico caha c’abagabo ku bandi n’abagore ku bandi catumye Imana irimbuza Sodoma na Gomora umuriro w’ibizuku. [Itanguriro 19:5]
Co kumwe na rya dini risoma iduwa rikama ritanga ibimazi vy’amaraso y’abantu kw’irayidi. [ Gusubiramuvyagezwe 18:10& 2 Abami 21:6] muri idini nyina wa Malaya rivuga ngo abasangiye ibitsina bashobora kwabirana. [Abalewi 18:22 & Abalewi 20: 13] Ivyo vyose ni ivyaha vy’ikizira k’Uhoraho mwogururiye. Uwufise umutima yitandukanye n’ivyo bizira vy’ubuyobe.
