Hariho ivyagezwe vyo kubana neza n’Imana n’abantu, Hakaba n’ivyagezwe vy’Inzira yo kuja mw’Ijuru mu Kristo Yesu.

NTUSHOBORA KUGEREKA KRISTO YESU KU VYAGEZWE : NI UBUZIMIRE

Hariho abantu biyita Ihanga ritazwi bakadendekeranya amajambo y’urusobe n’inyigisho z’amangetengete. Ntibamenye gutandukanya ivyagezwe 10 vy’ISEZERANO Uhoraho Imana yahaye ubgoko bg’Abayuda n’inzira y’ukuri igana mw’Ijuru kubaremwe bose. Birya vyagezwe icumi Intumwa akaba n’Umuhanuzi Mose yaherewe ku musozi sinayi ryari isezerano ryo kubana neza hagati y’Uhoraho Imana n’Abantu b’Abayuda. [KUVAYO 34:27-28]

Iryo sezerano ryakera ryari icirore c’Isezerano rishesha. Iryo rihagarikiwe n’Umwami akaba n’Umukiza Yesu Kristo. Umwise emmanueli ni izina ryavugishijwe mw’isezerano rya kera risigura Imana kumwe natwe. Mugabo ntuba uramumenya neza uwariwe. Umwise Yesu umucunguzi, uba uvuze vyo kuko ni UMUCUNGUZI w’abizera bose mugabo naho nyene ntuba uramutahura neza. Izina ryiwe ry’ukuri rirengeye amazina yose, ni izina abo mw’ijuru bose, abo kw’isi bose n’ivyo ikuzimu vyose bipfukamira ni KRISTO YESU. Kandi indimi zose zitegerezwa kwatura yuko Yesu Kristo ari UHORAHO dusenga, kugira ngo biheshe icubahiro Imana Data wa Twese. [ABIFILIPI 2:9-11]

Muri we niho hari ugucungurwa gusa. Kuko niwe nzira n’ukuri n’ubugingo [Yahana 14:6] Si mu vyagezwe canke muyangi majambo ba nciyaha bigenera, kandi uwo KRISTO YESU arikwije kuko niwe MANA UHORAHO yaremye isi n’ijuru n’ibirimwo vyose [YOHANA 1:1-5] Ntushobora kumufatanya n’ivyagezwe. Inzira y’ukuri niwe nyene muco, iratomoye ni mu kuwizera, ukwihana ivyaha, ukwezwa, ukubatizwa mw’izina ryiwe no kurongorwa na Mpemu Yera. [IVYAKOZWE N’INTUMWA 2:38-39] Ayandi mayira yose ni ubuzimire!