
UMUHAMAGARO KU BARUNDI BOSE WO GUSHITSA UKUGOROROKA
Ishengero rya Yesu Kristo ni Ihanga Ryera, Uhoraho Imana yirobanuriye mw’Ihanga ry’Abarundi kugira ngo:
- Rizigame kandi ryamamaze ukuri kw’Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera ngaha mu Burundi no mu mahanga gushika kure ata mwambiro w’amadini n’ingigisho ziva mu ma teologie, ama doctrine n’amadogme urimwo.
- Ritegure umugeni wa Kristo Yesu mu gushikana benshi ku kwizera Yesu Kristo kumwa umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo, ukwihana no gutunganya igenso, ukubatizwa mw’Izina rya Yesu no kuronka Ingabire za Mpwemu Yera.
- Rigarukane igitinyiro n’icubahiro c’Uhoraho Umana Umuremyi mu gihugu c’Uburundi coco gifise isezerano ryo kuba umwandu w’Ihanga Ryera ry’Imana ryatoranijwe n’Imana ngo ritware umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose.
Barundi, Barundikazi, Hanga Ryera ry’Imana, aho muri hose. Iki ni ca gihe co gusemerera ngo Umurundi aho ari hose mu gihugu no mu mahanga yihane, kyezwa, atunganye ingeso, abatizwe mw’Izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo kugira ngo duharirwe ivyaha vyiwe kuko hari ico Uharaho Imana yo mw’ijuru aje kwikorera mu gihugu cacu no mu mashengero.
Intumwa za Yesu Kristo zarabitomoye neza mu [IVYAKOZWE NINTUMWA 2: 37-39] Tuhasome “Benshi bahindukirira Imana”, ….
Murundi, murundikazi aho uri hose Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana rishobora ku gushikiriza ubutumwa butuma wizera Yesu Kristo akaba umwami n’Umukiza wawe, ukavavanura no kutizera canke ukwizera ibintazi. Abantu benshi barazimiriye mu madini n’amashengero menshi, babaye nk’inyoni zafashwe n’umutego canke ifi zo mumazi zanyoye ikirorina.
- Ayo madini n’amashengero, amwe yigisha abantu ngo bokwicunguza ibikorwa vyabo mu kwubahiriza ivyagezwe bitagira uko bingana, abanda bazanye inyigisho zo gupfukamira ibishushanyo no guca kuri Mariya ngo abasengere, abandi bakoze amadini y’abantu bakoreshwa n’impwemu zihumanye ngo Muhamedi, Buda… Inyuma y’agakingirizo k’umutego wa satani kitwa urukundo n’ubumwe bg’amadini n’amashengero, abana b’ihanga ry’Abarundi bafashweko ingati na satani yaberetse UHORAHO, UMUKIZA, UMUCUNGUZI, ITANGURIRO N’IHEREZO ngo ni intumwa ISSA, ngo ni AKANA YEZU, ngo ni umuntu yumiye ku giti c’UMUSARABA n’izindi nyigisho z’ikinyoma cambaye ubusa. Yesu Kristo ni muzima kandi ari ku ngoma uyu munsi.
- Abantu benshi barabuze icitegererezo co kugororoka kuko abitwa abakozi b’Imana benshi bataye umurongo bigatuma n’uwihanye ivyiwe abisanga mw’ibarabara, canke abantu ntibamenye akamaro ko kwihana n’ukwezwa. Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana ryarabegereje abashumba b’ibanga n’ukuri mu ntara zose n’ibihugu vyose, abatari hafi mushobora kubatora ku mirongo ya telephone maze mukihana, mukatura kugira ngo mushobore gutunganya ingeso zanyu nkuko Uhoraho Imana yabitegetse ku bafise amatwi. Ni Mubegere, mubabarire vyose babasengere kugira ngo mube abidegemvya.
- Amadini n’amashengero menshi yaratituye icagezwe co kubatizwa kandi Ijambo ry’Imana ritubgira yuko uzokwizera wese akabatizwa akozizwa. [Mariko 16:16] Abandi nabo umubatizo barawukora mugabo bakawukora ukutariko. Benshi bakora imigirwa itandukanye bakayita umubatizo, abanda bagasuka amazi ku ruhanga utuyoya, hariho n’ababatiza abapfuye co kimwe n’abasengera abapfu. Ayo madini n’amashengero naho agwiza abantu kuko bakunda guca mu nzira yagutse ateye kubiri nivyo Uhoraho Imana azaba abantu gukora. Bibiliya iratwereka neza yuko abantu bose babatijwe, batwawe mu mazi menshi baribizwa babatizwa mw’izina rya Yesu Kristo. Nta muntu n’umwe ahari yabatijwe mu bundi buryo. [IVYAKOZWE NINTUMWA 19:5]. Ihanga Ryera ry’Imana rihamagarira umurundi wese atarabatizwa hamwe n’uwabatijwe ubundi buryo bgose budahuye n’uyo mubatizo uri muri Bibiliya Yera, kwitaba aka kamo k’ijuru ko kubatizwa neza kugira ngo ushitse ukugororoka kwose. [Matayo 3:15]
- Abantu baribaza igituma bizeye Yesu Kristo, bihanye kandi babatijwe mugabo bakaguma bafise ivyaha bibizingirako. Benshi bama bakora ivyaha nk’uko n’abapagani babikora kuko batujujwe Mpwemu w’Imana. Iyo umuntu abatijwe mumazi menshi baramusengera bamurambitseko ibiganza kugira ngo aronke Ingabire za Mpwemu Yera. [IVYAKOZWENINTUMWA 6:5-6; 8:14-19] Uwo niwe iyo ari muri wewe akurongora ku kugorororka kwose. [YOHANA 14:26] Yaratanzwe kubizera bose kugira ngo bacike abana b’Imana. [ABAROMA 8:14].
Barundi Barundikazi, iyambure, mwihane kandi mwItandukanye n’iyvo amokoko, amadini, imiryango, imigambge n’ibindi bibasamaza bikabakura mu rugendo turongowemwo na Yesu Kristo, urugendo ruja mw’ijuru. Ni mwibange abigana imvugo y’abatoranijwe. Mubamenyera ku bikorwa vyabo kandi baranatinya kwemanga no kwamamaza izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo, Uhoraho, Imana Nyeningabo yigize umuntu akaducunguza amaraso yayo yoza ivyaha vyose.
Imana yarabujije kandi irihanikiriza abo mw’Ihanga Ryera kwivanga n’amoko, n’amadini, n’imigambge n’ivyo vyose vyateye umuvumo igihugu cacu abantu bakicana, abanda bagahemukira Imana n’abantu gushika n’uyu munsi. Inkota y’Uhoraho iraje ku barandura kandi mugiye kubibona. Si abavuga imburi n’ivyo isezerano bose batoranijwe. Benshi bahagurukijwe na satani kugira ngo ba basamaze, abandi bigana imvugo y’Ihanga Ryera kugira ngo bishire hejuru banabasahure utwanyu mugabo Uhoraho Imana araje guhigura nabo.
Mu gihugu no mw’ishengero huzuyemwo abasenga ibigirwamana, abarozi, abapfumu, abaraguza, abicanyi, ibisuma n’abakora ibindi bizira vyinshi. Twarashoboye kubabgira ivyaha bishika 40 bikuru bikuru Abarundi bakwiriye kwihana kugira ngo bakire urubanza rwo gupfa. Kandi twirirwa turasemerera ngo mwihane ntimuhitanwe n’uburake bg’Uhoraho. Abanyakibi bose birirwa bavuga “imana” bakavuga amasezerano ku gihugu no kw’ishengero bakayovya benshi. Yesu kristo araje vuba kwerekana yuko mu Burundi hari abatoranijwe n’Imana; aje gukorora ivyishira hejuru kandi aduze ba nyarucari bubaha Uhoraho Imana.
Barundi barundikazi, uwutarihana ni anyarutse kandi abakozi b’Imana batoranirijwe kubafasha mwarabahawe. Uwutarabatizwa ni agire vuba bgangu kuko ababatiza bari hafi yanyu, Ihanga Ryera ry’Imana ryaribibateguriye. Uwutarabatizwa muri Mpemu Yera ngo yuzuzwe, iki ni ca gihe aho umwe wese ategerezwa kurongorwa n’Imana.
Ni Musangwe Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo!