
ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA rimaze imyaka indwi ritangariza Abarundi bose n’abanyamahanga yuko Uhoraho Imana y’ubushobozi yirobanuriye kuva kera Ihanga ry’Abarundi ngo bayibere inyegu yiharije nkuko yari yarirobanuriye Ihanga rya Isirayeli. Abarundi nka bose barumvise iyo nkuru nziza. Abatari bake Mpwemu Yera yarabahishuriye iryo banga bararitahura kandi bararyemera. Mugabo rero hariho abantu ku giti cabo, amadini n’amashengero yaryamiriye kure. Hariho n’imirwi yaryumvise igomba kurikamisha yibagira yuko ivyo Uhoraho Imana bitibga kandi yuko ijambo yavuze rigira abo yaribariye. Uyu munsi turiko turababarira imburi za nyuma imbere yuko iryo sezerano rishika, abariho bose bakazoryibonera.
Umwungere n’Umuvugishwa Alphonse NIYONZIMA ati:
Imburi iburira umuntu wese yacokoye akanegura intumwa z’Imana zihamagarira Abarundi ukwihana no kwezwa mu kwitegurira kwinjira mu masezerano Uhoraho Imana yasezeraniye Ihanga Ryera ry’Imana ryi Burundi.
- Hasigaye igihe gito iri semerera rikarangira: kwugarwa kwo gisemerera.
- Ni umuhirwe uwamaze kwihana no gusaba kwinjira mu masezerano y’Imana.
- Uwaronse ubu butumwa bg’imburi akabgizera kandi akabusangiza abandi ari n’impera ikomeye n’atarambirwa akava ku rutonde.
- Haragowe uwahawe ubu butumwa akabucokora nkuko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, nkuko yacokoye Mpwemu w’ubuntu.
- Uwahawe ibi Vyera vy’Imana akabiterera imbga n’ingurube zarabikandagiye kandi zizomutabagura.
- Musenge cane kuko imbga n’ingurube zigira zihindukirire abizera ukuri kw’ubuvugishwa bg’Uhoraho Imana mugabo ntaco zizobagira kuko Uhoraho Imana yaraziziritse.
- Uhoraho Imana yateje ibisazi izo mbga n’ingurube ni navyo bizotuma zihonera mu manga.
- Komeza ibicaniro vy’amasengesho mu ngo zanyu no ku mitumba iwanyu. Aho muri hose naho mu gendera hose mukomeze kwama musenga.
- Mugendane ubgenge muri vyose: Mu mvugo, mu ngiro no mu migenderanire n’abandi.
- Ongereza amasengesho menshi mu kubaho kwawe, wahora usenga rimwe ku munsi usenge gatatu, mu gitondo, ku muhingamo no mwijoro. Wahora usenga kenshi ni wame mu masengesho imbere y’Imana.
- Ucacure imigozi y’imitego ikuboshe yose, ube uwidegemvya ata vyaha bikuboshe canke ikintu cose cogukwegera mu caha.
- Rekurana n’ibintu vyo mu mubiri vyo kubuza umwidegemvyo bikagukura mu Mana. Hari ibintu nk’amatongo, amazu, imiryango n’ibindi, bireke bigende, babitware kuko Imana iraje kugushumbusha umurengera. ibintu vyiza utigeze umenya biri imbere.
Radio ISEZERANO INTERNATIONALE y’Ihanga Ryera ry’Imana yarabashikirije imburi nyishi z’abahanuzi b’Abarundi n’abanyamahanga babura intambara y’Uhoraho Imana ije kurandurana n’imizi ikibi catse indaro mu gihugu cacu kuva citwa UBURUNDI. Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana ryarahaye akaryo ko kwihana, kwiyeza, kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera Abarundi bose, abari mu mahanga n’abari mu gihugu kugira ngo ntihazogire uwugira ico yireguza kidafashe. Ubu ni ca gihe uwanyuma abishira mu ngiro kuko bugira bgire.
Ibintu vyihutirwa dusaba umurundi wese aho ari hose:
- Abubatse musengere ingo zanyu: abafasha banyu, abana banyu n’imiryango yanyu. Ntihagire uwiyerereza kandi uwugiye kure atahe kare .
- Abimirije kugira ubugeni, mu musenngere cane kandi musengere abo muzokwubakana mu menye yuko atari intumwa za satani kandi musengere uburinzi bg’abo mugiye kw’ubakana.
- Abantu mufata ingendo ndende, mu ndege, mu miduga, mu bgato n’amatereni, musenge cane imbere yuko mufata ingendo kandi musenge muri no muri ivyo bikoresho vy’ukwiyunguruza.
- Abavyeyi bibungenze musengere cane ibibondo biri munda kandi musengere n’ubugingo bganyu kuko satani yavyuye ingunza.
- Muntu wese wahawe isezerano wabariwe n’Uhoraho Imana atari bimwe vy’abavugishwa b’ibinyoma, mwirinde kwihumanya no kwiyanduza kuko Imana iraje kubishura muri iyi minsi. Hagiye kuba ibintu bibi cane ku bahumanije igihugu n’ishengero ry’Imana.
ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA risavye Abarundi bose bizeye ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera n’iryavugishijwe n’abavugishwa n’Imana [2 Ingoma 20:20] yuko ABAKRISTO bose (1) duhuza imitima n’inama, (2) tubabarane, (3) tugire urukundo rw’abavukana muri Kristo Yesu. (4) Umuntu wese acire bugufi muginzi we, (5) muharire ababagiriye nabi kugira ngo Uhoraho Imana ari mw’ijuru akubonemwo umwana wiwe w’ukuri.
Tugarukane igitinyiro c’Uhoraho Imana mu gihugu no mw’ishengero, Umwami Yesu Kristo yamamare!