Abantu benshi barajuragizwa n’inyigisho z’ivyiyumviro vy’abandi ntibatahe icarico ICAGEZWE c’Imana.

Abantu benshi ntibazi ivyagezwe ivyarivyo. Bamwe bafata ya majambo icumi Uhoraho Imana yahaye Mose [Kuvayo 20:1-17], abandi nabo bafata ivyo vyagezwe icumi bakavyongerako imico n’imigenzo irenga 612 y’ubgoko bgabayuda bakavuga yuko arivyo vyagezwe vy’Imana vyo kwubahirizwa.
Ico badashikako n’uko Imana ibariye Mose kubgira urutare ngo rusese amazi mu bugaragwa maze akarukubita vyamubereye icaha [Guharura 20:11] canke Samusoni yabariwe kutimwesha umushatsi. Umunsi yamowe umushatsi yaciye yicwa. [Abacamanza 16:23-31]
Gukora icaha ni ukurenga ibgirizwa wahawe n’Imana. Iryo naryo rishobora kuba ryanditswe, ryaravyuzwe canke waribariwe ku ruhara rwawe. Twiyubare iyo Mpwemu w’Imana ariko atatubgira ibintu. Ivyo adutegeka vyose gukora kuri twebge canke ku bandi ni amabgirizwa, amategeko canke ivyagezwe.