Mu gihugu cacu c’Uburundi hari amashengero yemewe n’amategeko arenga 750 mugabo hari Ihanga Ryera ry’Imana rimwe gusa.

Mu gihugu cacu hari amashengero yemerewe n’amategeko ashika 750 n’utundi dushengero twitwa utudumbidumbi twinshi tudaharuye. Bose bavuga Imana mugabo igihugu cacu kikaguma gisinzikazwa n’amacakubiri, inzara n’ubukene. Ni ukuvuga yuko ayo madini n’amashengero yose yananiwe gushika ku mugambi. Mu bisanzwe abakozi b’Imana nibo batunganiriza Reta, bagateza imbere igihugu mu Mpwemu no mu mubiri. Ahubgo ubu ibintu bisigaye bicuritse, amadini n’amashengero asigaye ari ibiyorero vyo kubiba urwanko n’ubukene, ibice n’ukwinubana.

Umugambi nyamukuru w’Ihanga Ryera ry’Imana ariryo Shengero rya Yesu Kristo, ni ukugarukana igitinyiro c’Imana mu gihugu no mw’Ishengero, gutegura umugeni wa Yesu Kristo mu kwita icaha icaha, ikibi kikitwa izina ryaco; no guteza imbere igihugu c’Uburundi duhereye ku muntu ku giti ciwe, umuryango, umutumba,… kuko ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana ni umugambi w’Isezerano ku gihugu c’Uburundi.

2 commentaires sur “Mu gihugu cacu c’Uburundi hari amashengero yemewe n’amategeko arenga 750 mugabo hari Ihanga Ryera ry’Imana rimwe gusa.

    • Ukwo ni ukuri twahagurutse ngo bivanguke. Ishengero ribe iryo abera, Icubahiro n’igitinyiro c’Imana kigarukanwe, uruvange rusobanuke. Nkuko ubivuze kubera yuko Ivyo Imana bitahawe Imana, ivyo isi ngo bibe mw’isi, uruvange nirwo rwanyoshe Ishengero.

      J’aime

Les commentaires sont fermés.