


Umukozi w’Imana tutazi Ishengero arimwo yazindutse afise umubatizo nkuko asanzwe abigenza mugabo muri iki gihe ntivyamwereye. Abakenyezi babiri mubo yabatije bamupfiriye mu ntoke bari mu mazi ubuzima bgabo buherera aho.
Abaraho bose batangaye babonye ibibaye, abavyumvise nabo bibaza yuko kubera mu mpera z’umwaka hama hariho abakozi ba satani batanga ibimazi vy’abantu, bavuga yuko ariwe yoba yabikoze. Ariko ukuri n’uko umubatizo wo mumazi atari ikintu co gukinisha.
Nkuko twama dusemerera, umubatizo ni icagezwe c’Uhoraho gitegerezwa gushitswa mu kuri no mu Mpwemu ni igishingantahe co gupfana, guhambanwa no kuziuranwa na Kristo Yesu. Imbere yo kuja kubatizwa, umuntu wese akwiriye kubanza kwatura ivyaha vyiwe, akezwa kandi akatura Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza wiwe. Gutyo uwavavanuye na kamere ka kera agacika icaremwe gishasha umubatizo ugenda neza.
Hari umuntu tutarinze kuvuga izina yazindutse aja ku rubatizo yaraye gushurarusha. Uwundi ngo yazindutse aja kubatizwa yari yaraye kubatizwa. Kubera hariho abakozi b’abatungu bagwa mu kaga nkako kubera batarongorwa na Mpwemu Yera. Ugukorera Imana si ugupfa guswatanisha kandi si ubucangero. Hariho abantu bakurikira ikiryoha c’ivyo Imana bakarenga ku masezerano bagiraniye n’ikuzimu, batabanje gucacura imigozi babohanye na satani. Abo bageze munsi mu mazi, hamwe ho gupfa, ntibikunda yuko bazuranwa na Kristo Yesu baca bahera hiyo.
Muntu uzi yuko hari ico wasezeranye na satani co kimwe n’abatarihana iki ni cagihe co kubikora kuko Uhoraho Imana yararahihe yuko atazoguma aretse ivyiwe ngo bihonyangwe n’ingurube. Harageze gushira ukuri mu ngiro.