

Nivyo ukuri nkuko Bibiliya ibitubgira, umukozi wese arabereye impembo kandi abakozi b’Imana barakwiriye guhembga no kwubahwa kuko bakora igikorwa c’iteka kandi bagakorera nyene icubahiro cose.
Ariko rero hariho abakozi bihamagaye mu murimo n’abandi bawugize urudandanzwa. Abo bagize umurimo w’Imana umurima wo gusoroma baragisibije. Hariho abadashaka gukora bagashaka kugenda barasoroma gusa. Bakubgira ngo zana amahera ndagusengere, zana amahera ndaguhanurire, zana, zana, zana…Bakorera Imana canke bakorera amafaranga! Iyo mpwemu ya zana ntigenda yonyene. Ikwegana n’impwemu ya JEWE urazi ico ndico? Ndi Révérand “NYENICUBAHIRO COSE” ndi Monseigneur “ MUKAMA WAWE” ndi iki, ndi kiriya… Abo bose ni abashumba binyererezi kandi murabirinde. Umukozi w’Imana w’ukuri arazi yuko yabiherewe ubuntu kandi abitangira ubundi [Matayo 10:8] arazi kandi yuko ategerezwa guca bugufi akanagendana ubgenge [Matayo 10:16]. Dukwiriye kwigishanya kugendera ijambo ry’Imana, abadukundiye tukabana abatwankiye tugatandukana.