Umubatizo ni kirumara mu buzima bg’umu-Kristo: ni mubatizwe mw’izina rya Yesu Kristo.

Amahoro y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese. Twipfuje gusubira kwibutsa umuntu wese atarizera Yesu Kuba Umwami n’umukiza kubikora ubu no kubatizwa kugira ngo ashitse ukugororoka kwose. Yesu yasanze Yohana umubatiza ati mbatiza nanje. Yohana ati oya ahubgo Yesu ni wewe warukwiriye kumbatiza. Yesu yamwishuye ati bikunde umbatize kugira ngo dushitse ukugororoka kwose. [Matayo 3:15]
Natwe nk’Ihanga Ryera ry’Imana dusaba abantu bose kubatizwa kandi neza nkuko Bibiliya ibitwigisha. Bantu muri mu gihugu c’Uburundi, aho uri hose dushobora kugufasha kwihana no kubatizwa ugatunganya ubugingo bgawe nkuko tubigira n’ahandi hose kw’isi. Muntu uri mu bihugu vya Zimbabwé na Zambia, twategekanije isekeza ryo kubatiza abantu bose batarabatizwa n’abatabatijwe neza. Turondere tubatunganirize Yesu Kristo yamamare!