Ijambo ry’Imana tubiba iminsi yose ntirigenda imvumure. Benshi barabohoka, bagakira n’abandi bakabatizwa bakaba abakozi b’Uhoraho.

UMUBATIZO W’ABANA B’IMANA MU GIHUGU NO MU MAKUNGU.

Hariho kuva kera ababona twitangira umurimo w’Imana ijoro n’umurango bakinaza ngo turiko turata umwanya. Hariho n’abibaza yuko hari inyungu z’amafaranga turondera mu murimo w’Imana nkuko bamwe ariko babigenza. Ariko turafise inyungu turondera kuko ni iminyago tuzoshikanira Yesu Kristo.
Tumaze imyaka myinshi tuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo kandi tukabukwiragiza isi yose mu Barundi n’abanyamahanga. Twashinze amashengero n’ibicaniro vy’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana hose mu gihugu no kw’isi. Inyungu yabaye abantu benshi babohotse, abakize indwara, abakijijwe ivyaha, ababatijwe n’abacitse amakozi b’Imana.
Uyu musore mubona kw’ifoto n’umwe mu baraye babatijwe i Bujumbura mu Burundi ku munsi wa Noweli. Yumvise ubutumwa buvurwa kuri Radio Isezerano Internationale, araheza ahabga umukozi w’Imana amukurikiranira hafi, arabatizwa. Ubu arashima Imana kubona yarakijijwe akava muvyaha ubu aridegemvya.