Umutumiro w’amasengesho y’iminsi itatutu arangiza umwaka.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO ARANGIZA UMWAKA YO KUWA 28-29-30/12/2020
Naho dufise imirwi y’abasenzi b’Ihanga Ryera ry’Imana bari ku bicaniro bitandukanye, bamwe bakaba bamaze iminsi 15 mu masengesho y’ukwisozesha bamwe bakaba bazoyashikana itariki 02/01/202; tugiye gusenga twese.
Nkuko twama tubigenza uko ukwezi kurangiye, tuba dufise amasengesho yo kwitanga dusengera Ihanga ry’Imana ryose, umurimo w’Imana, amasezerano n’imitwaro itandukanye.
Uko umwaka urangiye, abera bose baja imbere y’Imana bagategure imitego yose ya satani kuko afise imigambi aba agomba gutwara ibimazi vy’amaraso y’abantu I kuzimu aho babinezerererwa bagakora iminsi mikuru.
Mu kwica abantu satani n’abakozi biwe bakoresha mpanuka z’ingendeshwa mu kirere, mu mabarabara no ku mazi; bakoresha amadini n’imihari ikorana n’ikuzimu y’abarozi, abanyamangetengete, Freemasoni, Illuminati, Rose-croix, Ishure ryo mw’ijoro, Majestique, Manonegra, Odessa, Abasengasenga b’isiyoni, Vril, ivyikwega vy’abantu… n’ayandi mashirahamwe yo mw’ibanga. Mu guseza Amaraso, arakoresha kandi intambara,imigumuko no guteza indwara bitwara ubuzima bga benshi.
Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana si idini canke Ishengero nkayo yose mubona. Ni umugambi w’Imana ku Burundi no kw’isi kugira ngo Uhoraho Imana ashitse ico yagambiriye ku mwana w’Umuntu [ GUSUBIRA MU VYAGEZWE 7:6, YESAYA 19:18-25, MATAYO 16:18, 1 PETERO 2:9–10]. Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, ni umuryango w’Abera bavuye mu madini n’amashengero yo mw’isi, ni wa mugeni Yesu Kristo yacunguje amaraso yiwe kandi agiye kugaruka gutora. Iyo uri hose iyo ugisengera hose, umenye yuko Mesiya atazoza gutora ico abantu biyita ngo bari mugabo azoza gutora Ishengero ryiwe. Uri uwizera, warihanye, ukabatizwa ukuzuzwa Mpwemu Yera uri mw’Ishengero rya Yesu Kristo kandi ni wewe utumiriwe muri aya masengesho azoba ku magenekerezo ya 28-29-30/12/2020.
Mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo, tuzotegura imitego ya satani n’ibikoresho vyiwe:

  • Tuzosabira uburinzi Ihanga Ryera ry’Imana ryose.
  • Tuzosambuza iyo mitego n’imigambi ya satani n’amashirahamwe akoresha.
  • Tuzosabira uburinzi abana bato, abavyeyi b’ibungenze n’abera bose.
  • Tuzocikisha ubusa uburozi n’amangetengete yose akorerwa mu gihugu cacu c’Uburundi no munsi y’izuba duhagarike ingunza n’inama z’ababi.